Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Big Fizzo ati : “Umwami ni Yezu wenyene ntawundi atari Imana abandi turi musi y’izuba.”

Bantu Bwoy mu giteramo bateguye caraye kibereye i Ngozi citabiriwe n’isinzi ry’abakunzi b’umuziki ndundi.

Hari kuri uno wa Mungu wa Pasika igenekerezo rya 12 Ndamukiza aho hari igiteramwo mu ntara ya Ngozi igiteramo cari categuwe na Bantu Bwoy kikaba carikizwi kw’izina rya Bantu Bwoy Concert Tour

Big Fizzo akiduga kuri Stage yasavye abategetsi b’i Ngozi kuzoraba ikibazo c’amatara kubera imisi yose ngo akoze igiteramo muri iyo ntara yama acika bidatevye bamwe mubakunzi b’umuziki bari bahari baca baduka bavuga  ngo Intare batinya Saturaaa saturaaa, …, ivyo Big Fizzo atihanganiye aho yaciye abishura ngo nivyiza ngo baje kuraba itandukaniro kandi ngo banarishe amahera mukwinjira kumuraba aho yavuzeko hari nabandi bazanywe n’urusaku baje kuraba ko Mugani yujuje ngo nibagende bababwire ko yujuje abanye Ngozi bamufitiye urukundo.

Big Fizzo ntiyahengesheje no gutanga impanuro kubakunzi b’umuziki baraho mwico giteramo aho yabasavye kuzoshigikira uwariwe wese ariko arakora bataravye Team kanaka canke izina ngo uyuninaka ahubwo bokora cane  bagateza imbere umuziki ukajabuka no hanze. Ikindi ngo n’uko Big Fizzo  atari muri competition (ihiganwa ) ngo ntavyo kuvuga ngo turabami Umwami ngo ni Yezu ntawundi atari Imana kuko twese turi musi y’izuba. Ikindi yaciye agirako amenyesha izina ry’iwe rishasha aho yavuze ko yitwa Igitutu.

Mwomenyako  muri ico giteramo bagiye bashize ahabona indirimbo nshasha bise Pinduwa Mgongo indirimbo ya Kirikou Akili na Big Fizzo hamwe na Kokota indirimbo yakoze bose basanzwe bagize Label ya Bantu Bwoy uko ari batanu ivyo kizigenza wabo yavuze ko abagiriye Pasika mukubumvisha izo ndirimbo nshasha. Mwomenya kandi ko ibindi biteramo bigiye kuzobandanya no muzindi ntara nk’uko affiche yavyerekanye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769