BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo na Superman bigaranzuye Drama t I Kigali

Indirimbo nshasha ya Big Fizzo, Superman, yinjiye mu gitigiri c’indirimbo zarondewe cane Kuri uyu wa gatanu.

Hampande yo kuba yafashe ikibanza ciza Kuri Boomplay hano iwacu muri ino misi, iyo ndirimbo nyene I Kigali mu Rwanda ikaba naho nyene ifise ikibanza ciza.

Naho ata kiganiro twabashije kubona cakozwe n’uwo muririmvyi aho aheruka I Kigali mu Rwanda, Big Fizzo uno musi wa gatanu twabashije kumubona mu gitigiri c’abaririmvyi barondewe cane.

Nkuko ibiharuro bitangwa n’urwo rubuga bivyerekana, Big Fizzo ashobora kuba yaramaze imisi Kuri urwo rutonde, ahubwo uno musi akaba ariho yabashije gusubira inyuma.

Nkuko twabibonye, iyo ndirimbo yabonetse ku mwanya w’7 mu ndirimbo zarondewe cane, ariko Kandi imbere ikaba yari ku mwanya wa 5.

Nayo mu gitigiri c’abaririmvyi barondewe cane, Big Fizzo aza ku mwanya wa 15, ariko naho nyene akaba yatakaje ikibanza c’ 10.

Iyi ndirimbo Big Fizzo akaba atarayisohora ku rubuga rwa YouTube, ariko Kandi bikanuganugwa ko izoza izananye n’anasanamu yayo.

Muri iki kibanza c’abaririmvyi baronderwa cane, canke Indirimbo zikunzwe I Kigali, Indirimbo ya hano iwacu yahoramwo ikaba Ari ITamporize yamazemwo imisi itari mike, hamwe na mweneyo Drama t nawe nyene yahamaze indwi zitari nke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759