BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-b ngo yashaka kwononera Big Fizzo

Naho Sat-b we yakomye akaruru ko urubuga rwiwe rwa Facebook rwibwe, bamwe mu bakoranye nawe bavuga ko kwari ukwigirisha, batanga ico bibaza ko cari cinyegeje inyuma.

Wanada yakoranye na Sat-b nk’uwo bafatanya akazi( Partner) mu bikorwa vy’umuziki, yavuze ko irya nduru Sat-b yavugije, ngo kwari ukwigirisha.

Uwo Mugabo asanzwe aba muri Afrika y’epfo, yamenyesheje ko Sat-b, umugambi yarafise ngo wari uwo kuzimya Indirimbo ya Big Fizzo, yari yasohotse ku mbuga ngurukanabumenyi.

Uwo Mugabo nyene akaba imbere yaho Gato, yari yanditse Kuri Facebook nyene ko abafise karya kamenyetso ka Bleu Kuri Page zabo, n’ukuvuga ziri Verified, ngo imbuga zabo zitoroha kuba Hached.

Ibi uwo Mugabo akaba yavyanditse Kuri Facebook, mu gihe Kuri X ( canke Twitter), abo Kwa SAt-b n’abo bari bahejeje kumenyesha ko urubuga bahejeje kurugarukana.

Iryo tangazo, rikaba ryasohowe na Kent P manager wiwe ariko habanza guca umwanya utari muto, batarakuraho, ivyo bari bashize Kuri urwo rubuga, abavuzwe ko bari bagwivye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757