Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Big Fizzo yatanze umuco ku bivurwa kuri Bantu Bwoy n’umuririmvyi Black G

Inyuma yo gushirwa kuri affiche y’igiteramo ca Bantu Bwoy bafadikanyije na Tokyo Business Center kigiye kuba kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 14 Kigarama 2019, Big Fizzo yatanze umuco.

Nk’uko abenshi bagiye bibaza kubiriko biravurwa ko Label ya Bantu Bwoy yabuze amahera y’ukuriha abaririmvyi bashize kuri affiche kandi nabo ngo bari muco bita urucuruzwa ngo bagashirwako batababwiye kuri affiche aho tukaba tuvuga umuririmvyi Black G benshi bazi nka Africano arinawe asazwe ari muyindi Label ya Ligth Entertaiment yahozemwo mugenziwe Sat B azakuyivamwo nawe bitameze neza.

Big fizzo wewe mukiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru arabibeshuza ngo ibivurwa vyose ni bimwe vyo kwishira hejuru bakunze kwita kwiyemera (KIKI ) atarivyo guko wewe ngo baravuganye n’umuririmvyi kuko nawe hari vyinshi yamufashije ahubwo ngo Black G na Management yiwe nibo batabihurijeko ngo wewe baribavuganye.

Mwomenya ko muri ico giteramo gisazwe kirimwo n’ihiganwa ry’abatamvyi aho uwambere azoronka ibihumbi amajana umunani(800.000Fbu) nayo uwakabiri ibihumbi amajana ane(400.000Fbu)nayo uwagatatu ibihumbi amajana abiri (200.000Fbu), nayo ngo kubazohashika agakemanyi nukumva indirimbo nshasha  za batatu aribo Big Fizzo, Double Jay na Elly’s boy kubazoba binjiye muri ico giteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769