abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

Bimenyimana Bon Fils Caleb agiye gushira umukono kumasezerano yo gukinira kizer Chiefs

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Bimenyimana Bon Fils Caleb , ahejeje gukorerwa ibipimo vy’umubiri n’abaganga b’umugwi Kaizer Chiefs ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Africa y’epfo.

Bikavurwa y’uko uwo mukinyi mu kanya kari mbere aza gushira umukono kumasezerano yo gukinira uwo mugwi mu kiringo c’imyaka itatu ni ukuvuga ayo masezerano azomushikana gushika mu mwaka w’i 2025.

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 18 Myandagaro niho aza kwerekanwa icese nk’umukinyi mushasha wa Kaizer Chiefs.

Bimenyimana Bon Fils Caleb azoba abaye umukinyi agira kabiri w’umurundi akiniye umugwi ukomeye nka Kaizer Chiefs inyuma ya Nahayo Valery.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321