BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Black g yishuye ku mpamvu asa n’uwufatiye amaboko I mugongo Kebby Boy

Kuba Kebby ataco ashira ahabona, Black g ngo siwe vyavuye, ariko akizeza ko hari ibishasha ariko arategura. Abantu ngo bokwicara biteguye.

Black g ngo ntiyariye inguvu Kebby boy basanzwe babarizwa hamwe muri LEC Entertaiment, ahubwo ngo nuko ariwe ari hagufi, abantu baguma babona cane ivyiwe. Ariko ngo na Kebby nawe bigiye kuboneka.

Mu kiganiro na Platform Show, Black G yavuze ko hari ibiriko birategurwa na Kebby iyo asanzwe ari, ivyo ngo Imana ibishatse bizotangura gushirwa ahabona vuba cane. Uwo muririmvyi ubu akaba yafashe cane amakungu, nawe agumana akarere k’aha hagufi.

Black G yanagarutse ku ndirimbo yiwe nshasha Bonge la Toto aho avuga ko uko yakiriwe abishima cane kuko abantu badasiba kuyishigikira cane. Ariko kandi ngo bitandukanye cane n’uko yari yibaza ko bazoyakira.

Black g yanabajijwe amasanamu y’indirimbo yakoranye na Big Fizzo, avuga ko Management yiwe hari ico iriko irabikorako, ngo ata gihindutse amashusho y’iyo ndirimbo muzoyabona asohoka.

Mwomenya ko Black g ariwe wanyuma yinjiye muri LEC Ent, inyuma yaho Sat-b asezereye abo bakoranye, akavuga ko agiye kwihagararira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760