EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Don Brighter ngo ntiyazanwe n’ukuramukanya, yazanwe n’ibikorwa

Inyuma yaho bivugiwe bikaba nk’ururirimbo ko abaririmvyi b’abarundi baba hanze y’igihugu badakunze kugendera mu gihugu c’amavukiro ngo bamenye aho umuziki w’uburundi ugeze n’ibiba bigezweho murico gihe ngo kanatsinda abarundi bemera biboneye bigatuma abo baririmvyi baba hanze y’igihugu batamenyekana hano iwacu ngo banahabwe ikibanza nk’abarundi ubu vyatanguye kugaragara ko bijukiye kuza gukorera bimwe mu bikorwa vyabo hano iwacu.

Inyuma yuko bamwe muribo bahora hano ubu baza barasubiye inyuma ariko ubona ko bagenda bakoze ibikorwa n’aba producer canke bagenzi babo basangiye umwuga, aho novuga nka K-Muco yasize akoranye na Gaga Blue iyo bise Ma Nigga, Mt Number One arikumwe na Sat-b bagakora iyo bise My Only One. McMello ubu we akibarizwa hano mu gisagara ca Bujumbura aho aheruka gukorana na Mb Data iyo bise SHIMA IVYURONSE iriko yakirwa neza bivanye n’ubutumwa buyirimwo.

Aho mwomenya ko baguma baza kubwinshi aho nkavuga nka Don Brighter gushika ubu abarizwa mu gisagara ca Bujumbura kuva kuri uyu wa 26/03/2019 aho yashika kukibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura avuye muri Reta zunze ubumwe za America, akemeza ko ataje kwicara no kuraba umuryango gusa ahubwo ngo ibikorwa arivyo bimuzanye kuko na hano iwacu bakora bigashimwa no mumakungu iyo bari.

Aho mwomenya ko Mr The Don (Don Brighter) yemeza ko abaririmvyi ba Diaspora bariko bavyifatamwo neza iyo basanzwe baba harimwo nka McMello muri Canada nabo basanzwe barikumwe muri ico gihugu ca America nka Babbi, Marembo, Mt Number One, n’abandi benshi baguma bakora.


Nayo kubijanye n’abaririmvyi basanzwe ari ngaha mu Burundi bavugwa ko bariko bakora bigashimwa ngo akunze kwumva amazina nka Magic Soldier Kingorongoro , MbData; nayo Fizzo Satb n’abandi bo ngo n’ibindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 752