Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 13 Mukakaro 2021, uwujejwe igisata co kumenyesha amakuru mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB amenyesha ko bibujijwe kuriha ikintu ico arico cose…
Mw’itangazo umushikiranganji Déo Guide Rurema ahejeje gusomera abanditsi n’abamenyeshamakuru ku murango wo kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 30 Ruheshi 2021, amenyesha ko ubwo bushikiranganji aramutswa bufadikanije…
Naho hakiri agahaze mw’ishirwa mu ngiro ryayo, poritike y'umukuru w'igihugu ijanye n’ukunagura ubutunzi bw'igihugu irashimwa n’abarundi batari bake. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe…
Abadandaza b’isukari 5 bo mu gisagara ca Bujumbura mu ma zone ya Gihosha, Nyakabiga, Ngagara, Kinama na Cibitoke baramaze gukurwa ku ntonde za SOSUMO kubera kwikika mu kiza bakayinyegeza bongera baduza ibiciro. Ivyo…
Abo ni abantu bafashwe n’ishirahamwe rijejwe gukwiragiza amazi n’umuyagankuba mu banyagihugu Regideso bari bamaze imisi barinyonyeza. Turi muri karitiye Gikungu Rural muri zone Gihosha, komine ya Ntahangwa mu gisagara ca…
Amafaranga y'amarundi agera ku miriaridi igihumbi n'amajana indwi na cumi na zitanu (1715 milliards BIF) niyo ategekanijwe ko Reta y'Uburundi igiye gukoresha mu mwaka w'2021 ushira uw'2022…
Kuva aho riboneye ko hari abantu bamwe bamwe bihaye ingendo itameze neza y’ukuza barikika mu kiza biba umuyagankuba n’amazi, ishirahamwe rijejwe gukwiragiza amazi n’umuyagankuba mu bantu REGIDESO ryaciye ritangura kuza…
Kuva kuri uno wa kane igenekerezo rya 6 Rusama 2021 nta muntu yunguruza abantu n’ibintu kw’ipikipiki atagira uruhusha rwo kuyigendesha hamwe n'urupapuro rwerekana ko yarishe muri "Assurance" yemerewe kugendesha…
Umushikiranganji w’ubudandaji, ugutwara abantu n’ibintu amahinguriro n’ingenzi Immaculée Ndabaneze yakombowe mu mabanga kuva kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 1 Rusama 2021. Nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu…
Amadosiye yababa 250 y'abashaka gucukura ubutare mu Burundi yarizwe n'ubushikiranganji bw'amazi, ubutare n'agataka mu gice ca gatatu c'umwaka w’2020 ushira uw’2021 Bishikirizwa n’umushikiranganji…
Welcome, Login to your account.
Welcome, Create your new account
A password will be e-mailed to you.