Bamwe mu banyagihugu bo muri zone Gatumba, bahuye n’imyuzure begeranirijwe muri site ya Kigaramango iri muri zone Rukaramu, komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura bavuga ko bafise ubukene bw’utuzu twa surwumwe hamwe…
Sat-B ngo ntiyarakwiye kuvugira ku mugaragaro ko ashaka kuzogira ico afashije abateshejwe izabo n’imvura igize igihe iriko iragwa, igatuma abantu bata izabo, ivyabo navyo bigatwarwa n’amazi. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na…
Ibarabara rya Bubanza - Ndora rica muri zone Kivyuka komine Musigati mu ntara ya Bubanza ntiririko rirahita muri kino gihe. Imvo ni ibihomoka vy’umutumba Gashinge wakorokeye muri ryo bivuye ku mvura nyishi yaguye kuri uyu wa…
Amadosiye arenga ibihumbi bitanu n’amajana atanu ngo yarizwe mu ntara zitandukanye zigize igihugu ayandi yababa igihumbi n’amajana abiri arunguruzwa. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe gutatura…
"Ibiciro vy’ibifungurwa birubahirijwe muri rusangi ku masoko ari mu gisagara ca Bujumbura. Ariko haracibonekeza abadandaza bamwe bamwe babiduza uko bashaka". Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’ubudandaji,…
Umuyobozi mukuru w'igiporisi kijejwe gukinga ibiza n’isibe asaba abanyagihugu kutagira ubwoba kubera ikiza c’umugera wa corona ngo kuko n'indwara ikira. Antoine Ntemako yabishikirije, kuri uyu wa gatatu i Gitega,…
Amafaranga y’amarundi arenga gato imiriyoni 3 hamwe n’amaterefone 18 ivyo nivyo vyibwe n’abasuma bitwaje ibigwanisho mw'ijoro ryakeye kuri uyu wa mbere ku mutumba Rugenge muri komine Mpanda intara ya Bubanza. Amakuru…
Ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC (East Africa Community) vyaraye bitanguje isekeza ryo kurwanya umugera wa Corona, iryo sekeza rikaba ritegurwa kuzoba kuva kw'igenekerezo rya 25 Ntwarante gushika…
Mu ntumbero yo gukinga kugira ikiza Coronavirus nticinjire mu gihugu cacu, abanyagihu baba mu makomine y’intara ya Cankuzo ahana urubibe n’igihugu ca Tanzaniya basabwa guhagarika kuja muri ico gihugu baciye mu nzira zitazwi…
Imiryango y’abateshejwe izabo n’umwuzurira, begeranirijwe mu bibanza bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura ngo bagiye kwungururizwa kure yaco. Nk’uko bishikirizwa na Antoine Ntemako aramutswa ubuyobozi bw’umurwi w’igihugu…
Welcome, Login to your account.
Welcome, Create your new account
A password will be e-mailed to you.