EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniP squarePassportTanzaniaUnicef Burundi

Diamond Platnumz na Tanasha bazorushinga Imana ibishatse

Tanasha yavuze ko ata kwihuta kuri mu bugeni vyavuzwe ko bazogira na Diamond, ubu ngo bipfuza kwibanda cane ku bucuti bwabo.

Ubugeni bwa Diamond na Tanasha ngo burashobora kutazoba uwu mwaka, ubona n’umwaka usa n’uwugenda wiruka. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Tanasha ubwiwe mu kiganiro aheruka gukorana na Wasafi FM.

Mu kiganiro Block 89, yavuze ko ubu bariko baraba cane ivy’ubucuti bwabo gusumba gutegura ubugeni bwabo. Ariko ngo kubw’ubugombe bw’Imana biranakunda ko bashobora kugira ubugeni uyu mwaka nk’uko Diamond yari yabimenyesheje.

Uwo mukunzi mushasha wa Diamond akaba abishikirije mu gihe umukunzi wiwe yari yabanje kuvuga ko igenekerezo rya 14 Ruhuhuma uwu mwaka ariko munyuma birahinduka kuko ngo abatumire bamwe bamwe batari bafise akanya ko kuza muri urwo rubanza.

Mwomenya ko bivurwa ko Tanasha yibungenze umwana wa Diamond, uwo akaba azoba agize uwa 4; babiri bakaba ari abo baronkanye na Zari, umwe nawe bamuvyarana na Hamissa Mobeto.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769