africa newsEntertainmenthomepagekirundimusicTanzania

Diamond Platnumz ngo yarabeshe ku butunzi afise kuko afise amadeni menshi

Wasafi Tv na Wasafi Fm ngo sivya Diamond, nayo ubutunzi yigamba nabwo sibwo kuko aheranye menshi mu ma Bank, imisigiti avuga yubatse nayo nyene ngo n’ububeshi butagira izina.

Mu gihe Nasibu Abdoul Djuma benshi bazi nka Diamond Platnumz aheruka guhimbaza isabukuru y’imyaka 10 amaze mu muziki, uwo muririmvyi yavuze vyinshi ku bantu batamwerekwa, baterekwa iterambere ryiwe.

Umwe mubo yavuze ko batamwerekwa ni Diva umumenyeshamakuru wa Clouds FM, ikinyamakuru kitavuga rumwe na Wasafi. Mu kumuvuga, wokwibaza ko yakojeje agati mu ntozi, kuko uwo mumenyeshamakuru yaciye avuga n’akari i murore.

Ubwa mbere yabanje guhakana ko atigeze asaba akazi nk’uko Diamond yabishikirije, avuga ko we atigeze asaba akazi mu buzima, ahubwo ngo baramurondera, ico ashima Imana. Uwo mumenyeshamakuru akaba yavuze ko aho ari abayeho neza, ata mpamvu n’imwe yotuma ahava.

Diva yanashize ku mugaragaro ko Diamond yoba atariwe mwene Wasafi FM na Wasafi TV, ahubwo we ngo n’umu Brand ambassador gusa. Ikimenyamenya ngo nuko mwene ivyo binyamakuru yarondeye Diva amusaba kuza gukora muri Wasafi ariko aravyanka.

Diva yanahishuye kandi ubutunzi buvurwa ko Diamond afise ataribwo na gato, igituma nuko afise amadeni menshi mu ma Bank muri Tanzania, ngo ayo asaba n’ayo kuraba ko yoteza imbere umuziki wiwe n’ibikorwa vya Wasafi Ltd.

Diva mu bindi yashikirije harimwo ko Diamond yoba aca inyuma umukunzi wiwe Tanasha, aho ngo hari uwundi mukobwa bagendana, Tanasha ngo aramuzi ariko ntazi ko ariwe amusubirira iyo akuye akarenge. Aho agahanura uwo munyakenyakazi ko yoraba akasubira iwabo muri Kenya.

Umusigiti Diamond yamenyesheje ko yubatse iwabo, uwo mumenyeshamakuru avuga ko atarivyo na gato, ahubwo ico yakoze ngo yaheraheje ibikorwa bitari bwarangire kuri iyo nyubako, nk’irangi, amabati, n’utundi duke, n’ayo ahandi ngo warusanzwe uhari.

Ariko Diamond ngo yasavye abatwara uwo musigiti ko avuga ko ariwe yawubatse baramwemerera, naho hari abandi bashaka guherahereza umusigiti ariko bo baravyanka bumvise ko ashaka kuvuga ko ariwe yawubatse.

Aho mukamenya ko Mama Diamond yamenyesheje mu binyamakuru aho bariko bugurura uwo musigiti, ko hari n’uwundi utarahera bubatse iwabo na Harmonize. Ukaba uriko ukurikiranwa na Se wa Harmonize, kuko ariwe ahabwa amafaranga.

Ivyo uwo mumenyeshamakuru akaba yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Instagram, mu gihe Diamond yarahejeje kumenyesha ko uwo mumenyeshamakuru yaramuremereye amusaba akazi muri Wasafi TV ariko akamwankira, ngo aho bica birakomera ivy’urwanko hagati yiwe na Wasafi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769