africa newsEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Diamond Platnumz yakubise hasi abaririmvyi bakomeye muri Afrika

Indirimbo Waah ya Diamond Platnumz na Koffi Olomide ibandanya gukora ibikora inka ku rubuga rwa Youtube, aho ubu igeze ku miliyoni 6 z’abamaze kuyiraba. Ivyo bikaba bibaye irya 1 mu baririmvyi b’abanyafrika bari musi y’ubugararwa bwa Sahara.

Nkuko amakuru dukesha izindi mbuga ngurukanabumenyi, uwundi muririmvyi yigeze gukora ibisa n’ivyo ni Davido aho hari mu ntango z’umwaka aho yabashije gushikana umuliyoni kuri urwo rubuga rwa Youtube mu masha 9 gusa.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, Diamond abandanya ashimira abakunzi b’ibikorwa vyiwe uburyo bamufashe mu mugongo, aho mu misi 2 gusa bari bamaze gushikana 6,000,000 uri urwo rubuga.

Aha mukamenya ko urubuga rwa Youtube rwa Diamond Platnumz rubarizwako video 692, n’aba Subscribers barenga 4,470,000. Nayo indirimbo Yope Remix yiwe na Innoss’ B umwana w’umu Congoman niyo imaze kurabwa cane kuko mu mwaka umwe gusa imaze kurabwa incuro zirenga 126,000,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769