Entertainmenthomepagekirundimusic

Diamond Platnumz yanse ko bamugira nka Bruce Melodie I Bujumbura 

Diamond Platnumz ubwoba ngo bwari bwose, ko ivyo bagize Bruce Melodie I Bujumbura, nawe vyohava bimushikira.

Mu misi iheze, haravuzwe amakuru y’ukwo Diamond Platnumz afise ideni ry’amafaranga atari make, afitiye umuririmvyi w’umunyarwanda Mico The Best. Ayo mafaranga akaba amaze igihe kitari gito.

Uwo muririmvyi yaramwitwariye, kugira asubizwe amafaranga, hanandikirwa ishirahamwe ry’abaririmvyi muri Tanzania ngo rimwishurize ariko ntihagira ikivamwo.

Hamenyekanye ko azoja I Kigali, ico kibazo caciye gisubira kandi kuvyuka, kugira ashitse I Kigali, abanze kuryozwa ayo yariye.

Naho ku giteramo ca mbere bitabaye kubera yasivye, umugabo yitwa Babu Tale, asanzwe ari n’umushingamateka muri Tanzania, ngo aheruka I Kigali nkuko amakuru avayo abivuga, kugira atunganye inzira z’uwo mugabo imbere Yuko ashikayo.

Nk’uko amakuru avayo abivuga, Babu Tale yarahuye na Mico ngo baraganira, bafata ingingo yo gusubizwa amafaranga.

Urukurukuru ruvuga ko hasubijwe amafaranga angana n’Imiliyoni 21 z’amafaranga y’amarundi, ariko ntihongerwako ayarenga Imiliyoni 30, yari yasabwe nk’inshumbusho.

Uwo Mugabo Diamond Platnumz akaba yitezwe I Kigali, arikumwe n’abandi baririmvyi b’ibihangange nka Davido, Tiwa Savage, Bruce Melodie na Tyla.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753