BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ninde munyamakosa hagati ya Big Fizzo n’abo muri Hill Festival

Big Fizzo nta giteramo yakoreye I Kigali, nkuko vyari vyitezwe muri ino ndwi twaraye turangije.

Kuri uyu wa 4 na 5 myandagaro, I Kigali mu rwnada, ahitwa Cana Olympia, hari haramutse habera Hill Festival, yari yatumiwemwo abaririmvyi batari bake, baba abarundi, co kimwe n’abanyamahanga. N’abarundi n’abo ntibabuze.

Big Fizzo niwe yari Umurundi wenyeme yari yavuye I Burundi yari yatumiwe, ariko ngo na Yvan Muziki co kimwe na Bisoso n’abo n’abarundi bari mu gitigiri c’abatumiwe.

Amakuru ava I Kigali, avuga ko Big Fizzo atabashije kuboneka mu giteramo, igituma hakaba havugwa ugucerwa kwabonetsr Kuri urwo muririmvyi.

Ikinyamakuru Igihe gishikiriza ko uwo muririmvyi Kuri Maison Noire I Kigali nyene, yamenyesheje ko atakiriwe, ngo abashe kuririmba Kandi yari yahashitse naho yagize akabazo k’ugushika atevye kubera indege.

Natwe amakuru dukesha umwe mu bayereye abari kumuvugiriza ibicurarangisho, avuga ko Big Fizzo yari yitezwe I Kigali ku musi wa kane, ariko akaba yashitse I Kigali ku musi wa gatandatu naho nyene ngo amasaha y’ijoro.

Ayo makuru nyene akaba ashikiriza ko abari kumuvugiriza ngo bo bari bahashitse hakiri kare, kuko mu kwinjira ngo bavuga izina ryiwe noneho bagahabwa Ikibaranga kugira binjire.

Tubajije neza iryo soko ryacu, rikaba ryatumenyesheje ko Big Fizzo yoba yankiwe kuririmba kuko yashitse amasaha yamaze kurenga, Kandi ivy’abanya Kigali, cane cane ivy’iryo sabukuru ngo biba biri ku murongo cane.

Ayandi makuru twahawe n’ico kinyamakuru igihe nyene, nuko uwo muririmvyi yahavuye aca akorera I giteramo ahitwa Maison Noire, Ari naho yavugiye ivy’ukwo kutakirwa neza.

Naho ico kinyamakuru kivuga ko yahakoreye I giteramo, twagerageje kurondera Affiche y’ico giteramo ntitwabasha kuyibona, ariko tubasha kubona iz’abandi nka Kiki toure na Christian Ninteretse basanzwe bahakorera.

Amakuru rero dukura mu basanzwe naho nyene begereye abakorera ngaho, atumemyesha ko uwo muririmvyi Atari mu gitigiri c’abari kuririmba Kuri Maison Noire.

Iryo soko ryacu ntiryadutomoreye nimba abaririmba ngaho batari babizi ko ahava abagendera, ariko ico twabashije kubwirwa co nuko uwo muririmvyi yahashitse bakamuha ikaze akaririmba bisanzwe nk’umushitsi.

Ayandi makuru dukura mu begereye abari kumuvugiriza, nuko abo basore b’abarundi basigaye Ari ba rutumwako mu biteramo bitandukanye I Kigali, batabashije guhabwa agahembo kabo Kandi bari bahashitse bo. Ariko Kandi iryo soko ryacu, rikaba rinavuga ko binashoboka ko Big Fizzo yoba aratswe agahembo yari yahawe muri ico giteramo, kuko binuganugwa ko yabanje guhembwa imbere Yuko ahaguruka I Bujumbura.

Ayandi makuru yabashije kuboneka nuko Kuri Maison Noire, Big Fizzo hampande yo kuririmba yanabonetse arikumwe na Muyoboke, umwe mu bagabo basanzwe bakurikiranira hafi ibijanye n’umuziki mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Eka mbere nawe nyene akaba yarigeze kumubera Manager muri ico gihugu.

Big Fizzo yabuze mu giteramo ca Hill Festival mu gihe Drama t Na Iry Tina bari mu gitigiri c’abatumiwe mu kindi giteramo cabereye I Kigali nyene mu mpera z’iyo ndwi, cari citiriwe Ally Soudy And Freinds bo babashije kuhaboneka Kandi kare.

Big Fizzo akaba ataheruka mu giteramo I Kigali, eka mbere akaba atanaheruka kuhakorera ikiganiro na kimwe, Igishobora kuba Ari kimwe mu vyatumye uwo muririmvyi atabasha kubandanya akundwa cane nkuko vyari biri mu myaka iheze.

Ku muhungu wiwe Drama t ho bikaba bitandukanye kuko we Kigali yamaze kuyigira nk’ikirindiro, kuko adasiba kuhakorera ibiganiro co kimwe n’ibiteramo, ibituma ibikorwa vyiwe bibandanya gukundwa cane gusumba.

Mukamenya ko abarundi batari bake basanzwe baba I Kigali, umunezero wari wose kuba umuhungu wabo Big Fizzo asubiye Kandi gutumirwa I Kigali, Kandi imbuga ngurukanabumenyi basanzwe bakoresha nka Whatsapp Zaguma zigarukana Cover y’ico giteramo ngo abantu bagume bibuka ko uwo Mugabo Ari mu nzira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757