EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniP squarePassportTanzaniaUnicef Burundi

Diamond Platnumz yatangajwe n’abari bamaze kuyiraba mu masaha makeya

Mu masaha 17 gusa, indirimbo The one ya Diamond Platnumz yarimaze kurabwa n’abarenga 1,000,000 ku rubuga rwa Youtube asanzwe asohorerako indirimbo. Ivyo bikaba vyamushitse ku mutima aho ataretse gushimira abamukurikirana aho yababwiye ko ata kindi afise yovuga atari ugushima.

Ubwo butumwa bw’ugushima bukaba bwashitse inyuma yaho atangariye kuko abantu mu masha 5 gusa bari bamaze gutangura gusohora ama Cover y’iyo ndirimbo, icerekana ko bamukurikiranira hagufi. Ikivyerekana s’ico gusa, ni nuko muri ayo masaha nyene abashika 500,000 bari bamaze kuyiraba ku rubuga rwa Youtube yari yasohokeyeko.

Iyo ndirimbo ikaba isohotse mu gihe uwo muririmvyi ariko akora ibiteramo bitandukanye hirya no hino kw’isi, akaba aheruka mu gihugu ca Oman.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769