DiasporaAkes Dondiaspora musicEntertainmenthomepagekirundiPrimusic2019Sat-B

#Diaspora| Bella Hot Hot umurundikazi ariko aduza ibendera ry’Uburundi mu makungu

Inyuma yo kumenyekana ko hari ubuke bw’abigeme muri Industry ya +257 yaba hano i Bujumbura cokimwe no mugihugu hagati, no mubarundi basanzwe bakorera hanze y’igihugu (Diaspora) ngo nuko n’aho bamwe bamwe babandanya bagerageza gukora.

Umuzo w’umwigeme Bella Nahimana Benshi bazi kw’izina rya Bella Hot Hot asanzwe aba mu gihugu ca Swede ari naho akorera ibikorwa vyiwe harimwo n’umuziki utigeze utangaza benshi canke aba n’abandi ariko yaje akora ibikorwa bishobora gukora bake hano mu muziki wa hano iwacu.

Bamwe bakibaza ngo n’ikihe?
Ni Bella Hot Hot yaje akora indirimbo yambere ari Audio inyuma y’igihe gito akora indirimbo ya kabiri aho yagiye gutanganza bamwe mubari bariko bakurikirana ibikorwa vyiwe nuko yakoze Collabo n’umwe mubagize umugwi Toofan azwi kw’izina ry AllOne.

Ni Bella Hot Hot bamwe mu barundi batanguye kumugereranya n’umuririmvyi Ashley Diva atakiboneka cane mubikorwa vy’umuziki bivanye nuko Bella Hot Hot aririmba nkawe. Bella Hot Hot yatanguye akora ibijanye na Fashion muri ico gihugu ca Swede ubona yuko anahamaze imyaka myinshi cane ariko ubu ageze gukora ibiteramo nk’umuririmvyi wa Africa ashobora kwakira abandi baririmvyi bagiye gukorera ibikorwa vyabo murico gihugu no mubihugu bigikikuje.

Kw’itariki ya 11 z’uku kwezi kwa gatanu 2019, Bella Hot Hot niho yaramuka yakira umuririmvyi asanzwe ava mugihugu ca KENYA azwi cane muri kano karere ka EAC ariwe Otil Brown mugihugu ca Danemark aho Bella Hot Hot yakoze performance imeze neza yashimishije abari bari mur’ico giteramo.

Aho ni mugihe Bella Hot Hot ategekanya kwakira umuririmvyi TIMAYA ava mugihugu ca Nigeria, akaba kandi avuga ko agiye gusohora iyindi ndirimbo nshasha izoza mumisi ya vuba ikazoza ikurikira iyahahora yise Dance With me.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 773