BurundiDiasporadiaspora promoteddiaspora youthÉnergiefootballgroups-membership-request-accepted-by-adminInterviewskirundikirundi_Sportssport_promoted

#diaspora News| Styves Derrick agiye gusesekara mu Burundi mu misi ya vuba

Afatwa nk’umumenyeshamakuru kiremesha w’urunganwe rushasha, yazanye impinduka muri ico gisata na cane cane muri Sport, Steves Derrick ni umutumire wacu isaha 12 (18h) amasaha ya hano ibujumbura kw’igenekerezo rya 15 kigarama.

Styves Derrick akaba ari umurundi yamenyekanye cane ku gahogo kiwe muri RTNB na cane cane kuri radio Rema Fm, aho yatanguje ibiganiro vy’inkino vya buri musi ibitari bwigere bikorwa imbere yaho.

Derrick ni umwe mu barundi bakundishije cane abandi gushigikira no guterera umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba.

Styves akaba ari inyuma y ’igihugu c’Uburundi muri ba barundi dukunze kwita ngo ni aba diaspora kuva mu mwaka wa 2010, ubu akaba abarizwa mu gihugu ca Sueede.

Steeves Derrick akaba yitegurira kuza mu gihugu mu misi ya vuba ndetse aka yari kuba yarashitse mu gihugu iyo hataba ca kiza gatovyi Corona .

Bikaboneka ko umuzo wiwe twowitega co kimwe n’abandi barundi isinzi bariko bitegurira kuza mu kiruhuko co mu kwezi kw’indwi hano iwacu, aho ndetse n’igihugu cabashiriyeho indwi yabahariwe hano mu bwa Nyaburunga.

Murahawe ikaze mukaba mutarakora Subscribe ntaragasa kuri you tube ni Indundi Tv, na Facebook ni Indundi mugireko na Notification kugira muze kuba abambere baronka ico kiganiro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722