BurundicultureDiasporahomepagekirundiMusagaPrimusic2019

#Diaspora| Patrice Ntāfátiro ahamagarira abarundi bo mu makungu kudasigara inyuma

Mu rugendo yari amazemwo imisi mu gihugu c’amavukiro, Patrice Ntāfátiro ajejwe imicokama mu barundi baba mu mahanga amenyesha ko yari igikorwa kidasanzwe Leta y’Uburundi yari ishaka ko yofashamwo.

Ico gikorwa rero ngo kikaba cari ico gutunganya no gutanguza “umugambi wo kugarukira ikirundi n’imicokama mu kwandika ibitabu mu kirundi”, aho Leta y’Uburundi ngo yipfuza ko mu kwezi kwa Munyonyo 2019 hoba handitswe n’imiburiburi ibitabu bingana n’100 bidasa.

Patrice Ntāfátiro yaboneyeho gutera akamo abarundi bo mu mahanga abasagasagira ko batosigara inyuma muri uwo mugambi mwiza, asaba uwubona ko yoshobora kwandika igitabu c’ikirundi ko yoheza akamurondera maze akamuha umuco ukwiye.

Itanguzwa ry’uwo mugambi rikaba kandi ryari ryatewe iteka na
Marie-Chantal Nzēyimâna asanzwe ari mu rwego rukuru rujejwe imicokama y’abarundi bo mu mahanga.

Twobibutsa ko mu kiganiro co guteza imbere ururimi rw’ikirundi cabereye muri kaminuza nkuru y’Uburundi ikigo co ku Mutanga, Patrice Ntāfátiro yarose akaryo ko kwerekana uburonzi bgiwe bushimikiye ku bgatuzo yongereje yongera abuha amazina. Yari yaje kandi azananye na Kabushemeye Nkinzo Edmond Aimé asanzwe aba muri Canada nawe aheruka gutora “Ikinanda Rwandiko” (Clavier Rwandiko) gituma wandika ubgatuzo bg’ikirundi ku nyabgonko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770