BurundiBusinessCooperationCuteDiasporaDiaspora Organizationskirundi

#diaspora|Sondrio| Abarwizatunga b’aba Taliano boba bagiye kuzana imitahe yabo mu gihugu cacu

Mu mpera za Mukakaro 2020 uwuserukira umukuru w’igihugu c’Uburundi i Roma mu Butaliano arikumwe n’uwuserukira abarundi baba muri ico gihugu, baragendeye uworongoye ikigo kijejwe ubudandaji, n’amahinguriro, ubuhinga n’imyuga, akaba ari nawe aserukira i banki y’abanyagihugu i Sondrio mu Butaliano kw’igenekerezo rya 31 mukakaro(07), umubonano warugamije umuzo w’abataliono, bakaza imitahe yabo.


Umurwi w’abarundi baba mu Butaliano(diaspora) utari muto urongowe na Ambassadeur Esperance Ndayizeye, baragendeye ikigo kinini c’abigenga citaho ubworozi,uburimyi,guhingura ivyimburwa,ndetse n’ibigo vyiratiro biri mu burengerazuba bw’Ubutaliano. Ico kigo kikaba kimaze kwakira abanyeshure b’abarundi batari bake bagenda kurahura ubwenge mu nyigisho myimenyerezo z’ibihakorerwa (stage)ndetse hakaba hari n’imigambi yo gushobora kwakira uwundi murwi w’abanyeshure bava hano iwacu baja i Sandrio.

Amakuru ava muri kimwe mu bimenyeshakuru ca hano iwacu “Ejo news” akamenyeshako ko urwo rugendo rutabaye inpfa gusa kuko hategekanijwe iyindi nama yo gushitsa ku masonga ivyo baganiriyeko vyerekeza ku gukorana neza hagati yivyo bihugu vyompi nkuko vyamenyeshejwe na Ambassadeur Esperance Ndayizeye.

Mwomenya ko igihugu c’u Butaliono gisanzwe gifise ibikorwa vy’iterambere bitari bike hano iwacu, na cane cane amahinguriro mato mato ahingura umwimbu, twotanga akarorero k’ihinguriro ry’amavoka ry’ i Murayi mu ntara ya Gitega, n’ibikorwa vyo guhingura imitobe(jus)n’ibindi, tukizera ko ukwo gukorana neza kwokura  mu marira abarimyi b’ivyamwa barimira gusesa mu ntara ya Rumonge.

Sandrio ikaba ifise uburinganire bwa km² 2.088 , ikagira abanyagihugu bangana n’ 181,403, mugihe igihugu cacu gifise ubwaguke bungana km² 27,834 bukaba bwari bufise abanyagihugu bagera 11 180 000, nayo Ubutaliono bukaba bwaza ku mwanya wa 08 mu bihugu bitunze cane kw’isi ,mu gihe igihugu cacu caza ku mwanya wa 08 mu bihugu vyanyuma bikenye cane kwisi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 520