Diasporadiaspora promotedfeatured diasporakirundiSanté

#Dispora| Inyuma ya Saido Seleman, na Bantu Bwoy, hakurikiye BDUSA

Bamwe mu barundi b’umutima barabandanya kugarukira kuri bene wabo bahitanywe n’umwuzurira mu Gatumba muri komine  Mutimbuzuzi.

Ishirahamwe rihurikiyemwo abarundi babarizwa ku mugabane wa America (BDUSA) naryo ntiryasigaye inyuma, abarigize batitayeho ko ataco bariko bahereza iminwe muri kino gihe isi yugarijwe n’ikiza ca Covid 19, bakaba bashoboye gutanga imfashanyo igera ku ma tone indwi (7) y’umuceri hamwe n’amatone atatu n’igice (3,5) y’ibiharage ku ba nya Gatumba begeranirijwe muri site Kinyinya 2.

Mw’ijambo ryiwe uwaserukiye intwaro, akaba yakengurutse iyo mfashanyo akanatera akamo uwundi muntu wese yoba afise umutima w’urukundo ko yogarukira kuriyo miryango.

Abanyagatumba bahawe imfashanyo bakaba bakengurutse cane uwo mutima, bakanakengurukira iryo shirahamwe ryabiyumviriye.

Mwomenya ko abatari bake bamaze kugarukira kuriyo miryango aho twovuga nka ba kizigenza ntasubirizwa mu murwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba kumwe n’ikigo Bantu Bwoy gihurikiyemwo abaririmvyi batari bake ba hano iwacu, ndetse riramutswa igihangange Big Fizo.

Ivyo n’ibindi vyinshi, mushobora kubikurikirana hano musi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 474