BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Dj Kicas we yavuze ibanga tutigeze tumenya kuri Dj Mario

Inyuma y’igihe kinini havuzwe ko DJ Mario ariwe nyene gutanguza iciswe INDUNDI MIXTEP ariko munyuma hakaba bamwe babeshuza iyo nkuru aho batigeze bemeza ko ariwe yoba yarayitanguje aho abenshi bashize imbere uwitwa Dj H bakavuga ko ari mubatanguje ico bise INDUNDI MIXTEP agikorera GLM ENTERTAINMENT

Uko imisi igenda niko hagenda havugwa ibitandukanye, aho hagiye haravugwa ko bamwe mubishe umuziki w‘Uburundi bakanatuma udater’imbere ko harimwo n’aba DJS kuko ngo bobo aho basanzwe bakorera ko baha cane agaciro gake umuziki wa hano iwacu ugasanga baha agaciro indirimbo mva mahanga.

Muntumbero yo guhimiriza Abarundi gukunda ivyacu niho twari twashoboye kwegera umwe muba DJS bakomeye kandi babimazemwo igihe nawe akaba ari Dj Kicas nawe akaba hari vyinshi yatuyagiye aho nabo barikumwe batubwira umwe mubantu aha agaciro cane umuziki wacu ariko akemeza ko we guha agaciro indirimbo ziwacu yabitanguye kera.

Ariko mukibuka ko hagiye haravugwa ko Dj Mario yoba ariwe yatanguje INDUNDI MIX aho yari Mixtep ivugwamwo indirimbo z’Abarundi gusa, nawe Dj Kicas akaba yagize ico yishuye kur’ayo majambo yahavuzwe aho yatuyagira kuri INDUNDI TV yagize ati :

« Uwo avuga ko ariwo yatanguje Mix Tep za INDUNDI arihenda cane kuko nimba we nyene ubwiwe yibuka kandi ndazi neza ko yoreka kubivuga ariko akavyibuka jewe nari IDOL wiwe kuko je natumirwa kuvuza kw’ishure yigako atanuko ariyumvira kuba DJ. Ico gihe ndibuka neza ko D j Mario yasaba ashaka kwegera aho ndi yari umufana wanje kandi ico gihe je naravuza MIXTEP NDUNDI kuko unabiravye wewe ntamyaka itanu arabimaramwo je nkaba ndi mubavuza izo MIXTEP na YouTube itarakoreshwa hano iwacu rero biragoye ko ariwe yazanye ivyo gukora mix irimwo INDIRIMBO NDUNDI. Kandi nipfuza ko yobimenya akanabikura mumutwe kuko hari abazikoze ataraja murako kazi

Aho nokwibutsa ko twayaze kuriyo nkuru mugihe twasanze Dj Kicas arikumwe na DJ NC; Dj SIX cokimwe n’abandi ba DJ babigeme bashaka gushira ahabona ariko kandi bose bakemeza umubano n’abandi ba DJs ko wifashe neza aho twanasanze harimwo MIX irimwo TWIMARE ya DJ Philbyte wo muri RUNTOWN DJs.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775