Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasanivideos

Dj Nad arakeza Andy Mwag ku ntambwe yateye mu gukora umuziki n’amasanamu

Kiretseko arumwe mu bacurarazi bavuza solo ba hano iwacu atawe yomugereranya, Dj Nad arakeza Andy Mwag ku ndirimbo yiwe yise Moto demarrer.

Mu ntumbero yo gushikira no kumenyekanisha ibikorwa vy’abaririmvyi umwe mu bahinyanyuzi ba hano iwacu arangurira ibikorwa vyiwe mu mahanga Dj Nad yagize ico avuga ku ndirimbo iherutse gusohorwa n’umucuraranzi akaba n’umuririmvyi kw’izina rya Andy Mwag yise Moto Demarrer.

Nad akamenyesha ko yakunze iyo ndirimbo haba kuva uko ikozwe ndetse no gushika ku masanamu yayo.

Nad akamenyesha ko uko agiye kuvuza umuziki indirimbo ayivuza kandi bakayitamba banezerewe, mu gusozera ubutumwa bwiwe akamenyesha ko umuririmvyi wese w’umurundi azokora igikorwa ciza atazohengeshanya gukora ibishobioka vyose kugira kimenyekane.

Indirimbo Moto demarrer ikaba yasohotse mu mpera z’umwaka wa 2019 ikaba yakorewe mu gihugu kibanyi u Rwanda ikaba iriko irabica bigacika haba mu nzu z’ubutambiro ndetse no ku mboneshakure

Mwomenya ko Andy Mwag ari umwe mu bacuraranzi bavuza solo bakunzwe haba hano iwacu,haba mu gihugu c’u Rwanda, i Nairobi muri kenya ndetse no mu mahanga ya kure, akaba ari nawe mu soliste yahiswemwo n’umuririmvyi Buravan ngo amuherekeze mu biteramo yari yateguriwe n’iradiyo y’abafaransa Rfi vyitiriwe prix découvertes RFI 2018

What's your reaction?

Related Posts

1 of 771