EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Don Brighter arashimira abamufashije amasengesho bose agashika impore

Don Brighter mugihe yaramaze ikiringo c’indwi zirenga zitatu muri kano karere ka Afrika y’ubuseruko ariko arakora ibikorwa bitandukanye vyumuziki ubu abarizwa muri Leta zunze ubumwe za Amerika.

Inyuma yo kuza mugihugu c’amavukiro akabaza guca mu gihugu ca Kenya bagakorana indirimbo Abatovyi n’umuririmvyi Kidumu ikaba iriko irabica bigacika mu gisagara ca Bujumbura aho n’amasanamu yayo azayasohotse ubu uwo muririmvyi Don Brigther abarizwa muri Leta Zunze ubumwe za Amerika, akaba yafashe urugenda ava mugihugu ca Tanzaniya aho yaramaze imisi itarimike naho ariko arakora ibikorwa vy’indirimbo yakoreye mw’ico gihugu, inyuma yugukora amasana y’indirimbo zitatu zitandukanye ziwe aha i Bujumbura hama akerekaza muri Tanzania.

Ubu Don Brighter akaba yashitse mu gisagara ca Phoenix aho asanzwe aba akaba ashimira Imana kuba yashitse amahoro kandi akagaruka agashimira abantu bose bamusengeye ngo kuko rwari urugendo ruteye ubwoba inyuma y’ibiheruka gushikira indenge imwe y’ishirahamwe ryunguruza abantu Ethiopia Airlines.

Mukibuka ko Don Brighter yaheruka gushira ahabona akaririmbo kiwe gashasha yise Go down yakoranye n’umurwi Blackstars ,akubitiye muri Kenya naho basohora indirimbo Abatovyi, barikumwe n’umuririmvyi Kidumu asazwe nawe abarizwa muri Kenya ubu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769