BurundiDiasporadiaspora musicEntertainmenthomepagekirundimusic

Don Brighter yipfuriza abarundi bose Indwi nziza y’amatora

Akoresheje ururimi rw’icongereza, Don Brighter yipfurije abarundi indwi nziza y’amatora, ngo izobe indwi y’ukwigira kandi y’umunezero. Aca anaboneraho akaryo ko kubatumirira kubandanya mwumviriza akaririmbo UBUMWE, ngo kerekana uburyo isi izoturyohererwa nitwaba umwe.

Uwo muririmvyi abarizwa mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za amerika akoresheje urubuga rwa facebook rwa db Music entertainment hamwe n’ishusho yiwe iboneka afashe ishapo kandi ku mupira hariko ishusho ya Africa, yamenyesheje ko aho bari hose bazokwama bakunda Uburundi, kandi ko Uburundi buzokwama ari umutima wa Afrika.

Yagize ati : “Iyi ndwi idasanzwe ku bantu bari mu Burundi, mfashe aka kanya ngo ndabipfurize indwi nziza y’amatora. Iyi ndwi izobabere indwi y’umunezero kandi y’ukwigira. Turabakunda aho turi hose. Uburundi buzokwama ari umutima wa Afrika. Bandanya mwumviriza Ubumwe by Don Brighter na Mbdatagram, ikwibutsa uburyo isi izotunezerererwa nitwabandanya kuba mu bumwe.”

Uwo muririmvyi akaba abishikirije imisi mikeya imbere yuko uno musi isinzi ry’abarundi ryazindukiye mu matora 3, arimwo ay’umukuru w’igihugu, abajenama b’amakomine, co kimwe n’ayabashingamateka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779