EntertainmenthomepagekirundiUncategorized

Drama T we yungukiye mu gutukwa n’aba Diaspora batari bake

Naho amaso yatukuye mu gusaba ikigongwe kubera ko yababaje ngo abogiye kumuraba mu giteramo ariko arategurirwa haba mu bufaransa co kimwe no mu bubirigi, uwo muririmvyi yoba yaratomboreye muri ukwo gutukwa n’abatari bake mu ba Diaspora, noneho bakamukorera akazi batokoze batariko baramuvuga nabi.

Mu gihe Drama T amaze imisi asaba imbabazi, bamwe bamwe mu ba Diaspora bavuga ko yababaje batamwerekwa, uwo muririmvyi yoba yarungukiye muri ako kajagari kari kamaze imisi.
Uwo muririmvyi yanyereye ku rurimi nkuko bamwe babishikirije, yatumye aba Diaspora batari bake bavuga Kuri Drama T mu biganiro bitandukanye bakoze muma Live bagize imisi bakora.
Mu babashije kubivugako, bose basanzwe bakurikirwa bikomeye I Buraya, kuko bamwe muribo basanzwe bamaze guserukira igihugu mu mice itandukanye. Ico bamwe bavuga baridoga ko uwo muririmvyi yabasuzuguye, yabagaye, kuko ngo yavuze ibitarivyo mu kiganiro yagiranye na Akeza.
Uwo muririmvyi muri ako kajagari, ashobora kuba yarahabonye umugisha, kuko ivyo vyose vyavuzwe kubera ibiteramo afise mu kwezi Kwa 5, mu Bubirigi, hamwe no mu Bufaransa I Bordeaux.
Naho ababivuga bavuga ko ashobora kutaronka abantu mu biteramo yakoze, kuko yavuze ibitavugwa, uwo muririmvyi ashobora kuzobona ahubwo abamukurikirana muri ico giteramo barenze abo yari yiteze.
Abari bafise agashavu, abavuze ko yabasuzuguye, ikintu kimwe bakoze batabizi n’ukumenyekanisha igiteramo ciwe muri ivyo bihugu, kuko ubu n’uwutarazi ko uwo muririmvyi yaronse Visa, canke ko afise igiteramo ubu arabizi, kubera muri rusangi inkuru mbi inyaruka gusumba inkuru nziza.
Gushika ubu s’abarundi gusa babizi, kuko iyo hari ikibazo ku mubanyi, abantu tuba maso cane kuja kwumviriza urusaku gusumba kuja kwumviriza ivy’akamaro, ubu n’abanyarwanda nabo baba muri ivyo bihugu bamaze kubimenya, ibica bituma uwo muririmvyi amenyekana cane gusumba.
Naho uruvugo zri rwose muri iyi misi kubera Drama T yamenje, ukumenyekanisha ico gikorwa Kandi biraremvye kuko kaciye kaba akaryo keza ko kuvuga Kuri ico giteramo.
Drama T yahawe VISA y’indwi 1 gusa ashobora ahubwo guca asubirayo mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe nkuko Kuri Kigingi vyagenze, noneho uwo muririmvyi wacu akaba abaye uwundi muririmvyi ahawe akaryo ko gukorerayo ibiteramo.
Urwo rwongoshwa rwahavuye ruba induru, rwavuyemwo Kandi ugusubira Kandi kurabwa cane Kwa ya ndirirmbo ITamporize nayo yavuzweko menshi cane, kuko muri ino ndwi iyo ndirimbo yasubiye Kandi kurabwa cane Kuri urwo rubuga rwiwe rwa YouTube, kuko yagumye mu kanwa k’abantu babarizwa Kuri izo mbuga.
Iyo ndirimbo ikaba mu misi iharurwa ku ntoke izoba ikwije Views 1,000,000, kuko ubu isigaje iziri musi y’150,000, nayo abamukurikirana bakaba baburamwo 10,000 ngo akwije aba Subscribe 100,000.
Aha mukamenya ko uwo muririmvyi amaze gukoresha inzira 2 zo gusaba ikigongwe. Inzira ya mbere akaba yakoresheje Live yakoze Kuri Instagram, inzira ya 2, akaba yakoresheje urwandiko yasangije abandi Kuri Instagram nyene, ariko aho hose akaba atareka gufatwa nk’isazi, kuko yo aho ihagaze bakubita, ata na rimwe yigera iba yakoze neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 778