homepageComediesintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

#DushigikireIntambaZacu| Ishirahamwe MDB Natura ryatanze amadorari ibihumbi cumi

Kuri uno musi wa kane igenekerezo rya 25 Ndamukiza niho Honorable Reveriyano Ndikuriyo asanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yugurura icese uruganda rwo gushigikira umugwi w’intamba mu rugamba rwitiriwe “Dushigikire Intamba Zacu”.

Ishirahamwe rihingura amata mu Burundi Natura akaba ariryo ryafashe iya mbere mu gushigikira intamba mu rugamba mukubaronsa amata azobafasha hamwe n’ibahasha ringana n’amafaranga agera ku bihumbi icumi vy’amadorari y’abanyamerika ($10,000).

Ishirahamwe MDB Natura riti : “nk’uko twabikoze mu mwaka uheze igihe Uburundi bwakira ikino za CECAFA mukubaronsa amata ya Natura nubu ishirahamwe riremeye kuzofasha umurwi nserukiragihugu intamba mu rugamba mukuwuronsa amata n’ibindi vyankenerwa mu kubashigikira. Bakaba bose baciye bagenda bashize umukono ku masezerano yugukorana hagati yayo mashirahamwe abiri.

Honorable Reveriyano Ndikuriyo asazwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amanguru mu Burundi akaba yakengurutse ico gikorwa citeka aboneraho gutera akamo n’abandi guca mu makanda ya Natura mu gushigikira intamba mu rugamba.

Yamara amenyesha y’uko guterera atari itegeko ahubwo ko haterera uwushatse akunda igihugu kuko intamba nizaja muri Egiputa ari abarundi bose bazoba bagiyeyo ati “Si barya bakinyi gusa tubona kandi kuwariwe wese yogira icagomba guterera icarico cose”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884