featured sportArsenalChelseahomepageInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Dynamo na Berco Stars nizo zatwaye ibikombe

Dynamo mu bagabo, Berco Stars mu bigeme, Niyo mirwi yatahukanye ibikombe vyihiganwa ry ‘imyaka 50 Dynamo itangujwe(Dynamo golden Jubilee)

Kw’igenekerezo rya gatatu ntwarante niho iryo higanwa ryarangira.
Imirwi yitabiriye iryo higanwa ikaba ari iyi ikurikira:
Mu gihugu hagati haserutse “Imbeya i Gitega, Targert Intamenwa i Ngozi kumwe na New look Team y’ i Bururi.


Nayo mugisagara ca Bujumbura hakaba haserutse : Urunani,Dynamo, New Stars, Gymkana mu bagabo, nayo mu bigeme haseruka les gazwlles na Berco Stars .
Dinamo ikaba umaze gutsinda Dynamo yikurikiranya incuro zigera kuri 6 badakozemwo nayo muriryo higanwa Dinamo ikaba yabatsinze amanota 54 kuri 47.


Rukundo Joe D’assin arongoye Dynamo akaba yafashe akanya ko gushimira uwo wese yagize ico afasha kugira iryo higanwa rigenda neza.
Iryo higanwa rikaba ryari ryatewe iteka n’abanyacubahiro batari bake nka Aime Chritian Nibigira arongoye Acbab, honorable Jean Jacques Nyenimigabo, yigeze kurongora ubushikiranganji bw’inkino urwaruka n’imicokama, Augustin Kararuza arongoye Federation ya Basketball mu Burundi, Pascal Barandagiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu,Freddy Mbonimpa umukuru w’igisagara ca Bujumbura.
Kumwe n’abakinyi ba kera nka Adrien Sibomana

yahoze icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Sinamenye Mathias icegera ca kabiri kumwe na Eugene Nindorera.
Mwomenya ko Dynamo yaje mu kibuga yambaye umwambaro mushasha waranzwe nk’ingabire n’ishirahamwe ridadanza imiti Multiphar.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872