BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Emery sun avuga ko abaririmvyi ndundi bikanga ko umuziki wateye imbere

Emery sun avuga ko abantu bikanga ko umuziki ndundi wateye imbere, ariko ngo sivyo na gato. Abateye imbere kubwiwe ngo n’abatumirwa mu bikorwa bikomeye.

Ukuba abaririmvyi ndundi ari isabagi, batari hamwe, ngo nico kibazo nyamukuru cugarije umuziki ndundi. Ivyo Emery sun aheruka kubiyagira imboneshakure Ejo Heza News, aho akabona ko ata woshigikira abantu bameze uko.

Emery sun akaba muri ico kiganiro avuga ko umuziki ndundi ataho urigeza, kubwiwe ngo abaririmvyi babona ko uwo muziki wateye imbeye, ariko sivyo, ngo n’ukuvyikanga gusa.

Ivyo Emery akabivuga yisunze ko abaririmvyi bo mu bihugu duhana imbibe, batumirwa mu bikorwa bitandukanye ariko twebwe ntihagire uwuhaboneka. Ico akaba arico Emery yita gutera imbere.

Umuti Emery sun akaba awubona mu kwiyunga, abaririmvyi bagashigikirana, bakareka uburyarya, gutyo ngo bizotuma n’umuziki utera imbere

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775