BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Fabelove yerekanye igituma B Face atari umwami wa Hip Hop

Ibishikizwa na B Face ko ariwe mwami w’umudiho wa Hip Hop ngo si vyo na gato, ariko ivyo akora n’uburenganzira bwiwe arabirekuriwe. Ivyo biheruka gushikirizwa na Fabelove ubwiwe, nawe avuga ko ico kibanza ari rwiwe.

Mu kiganiro na Landry, uwo muririmvyi yavuze ko B Face atariwe mwami, kuko yivanga mu yindi midiho. Kubwa Fabelove ngo umwami mwiza ayoboka inzira imwe.

Uwo muririmvyi akaba adahakana ko guhindura umudiho bibaho, kandi akanemeza ko guhindura umudiho ari ngira kamaro, ariko akavuga ko uwo abihindura yarakwiye guca aca bugufi akareka kwiyita ico atari.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe B Face yamenyesheje ko we adakorera mu mudiho umwe gusa, kuko ukwo aba ari ukwizibira.

Abishikije kandi mu gihe we na Fabelove badahengeshanya guhanganira ico kibanza c’umwami wa Hip Hop mu Burundi, B Face we akaba yanigeze kuvuga ko muri Africa y’ubuseruko ariwe wenyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775