homepagesociete

Kuriha itike y’indege mu mafaranga mvamakugu bikwiye gusubirwamwo

Kuva kuri iyo ndwi yaraye irangiye, biciye ku buhinga ngurukanabumenyi, niho havugwa ko abashaka gufata ingendo mu mahanga bazohora bagura amatike mu mafaranga mvamakungu. Mu bibazo babajije umushikiranganjo wa mbere Gervais Ndirakobuca, abashingamateka barashikirije amakenga bafise, na we arumva ko afise ifatiro, aca avuga ko iyo ngongo ikwiye gusubirwamwo.

“Hariho ikibazo kimaze iminsi kivugwa, kijanye n’abagura amatike y’indege, mu mafaranga mpuzamakungu. Aho rero bigaca bigorana ingene umukozi wa reta ahembwa mu marundi, mugabo hagera kugura itike y’indege, agasabwa ama euros canke ama dollars”. Uwo ni umushingamateka Pascal Gikeke, aho yongera akavuga ko ari ikibazo Reta yari ikwiye kugira ico ikivuzeko. Umukuru winama nshingamateka. Umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe nawe ati:”sintatahura ukuntu mu Burundi twoba dukoresha amahera y’amarundi, ariko abarundi bagategekwa kuriha mu mahera mvamakungu”. Ati mu kigega ca leta no mu bushikiranganji bw’ubutunzi bw’igihugu, bavuga ko mu Burundi ibintu vyose ni ugukoresha amafaranga y’amarundi; none aba bandi bantu bazanye ibi bintu, niba nde? Ibintu bitavuye mw’itegeko ? Akaba ari uwushaka gutera ingorane, azane ibihuha, kuko abantu baca batangura kwibaza bati none bizogenda gute ? Twebwe mu Burundi dukoresha amarundi, n’ayo matike, tuzoyagura amarundi. Asaba umushikiranganji wa mbere, n’inzego zose akoresha, kurondera abo bantu baza gushinga amategeko mu Burundi kuko amategeko atandukanye ni ayo igihugu c’uburundi.
Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca, avuga ko iyo ngingo ibwirizwa guhagarara, kuko igira ingaruka mbi nyinshi . Ati amashirahamye yo gutwara indege, ni yo yatanze iyo nyishu, abandi baca babona inyishu yoroshe baca bumva umengo irarashe, ariko atari inyishu vy’ukuri. Ati ni ingingo yaje rero hatageze kandi ari ingingo ikwiye guhagarikwa vyihuta, kuko n’abahinga batigeze bihweza ingaruka mbi zishobora guterwa n’iyo ngingo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672