BurundiDiasporaÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Fleury na Janet ntabagikoze ubukwe nkuko vyari vyateguwe

 

Ubukwe bw’umuhinyanyuzi w’umurundi akorera I Kigali, Fleury Ndayirukiye azwi cane nka Fleury the Legend ngo ntibukibaye kuri uyu wa mungu igenekerezo 20/12 nkuko vyari vyateguwe haraheze imisi itari mike.

Imvo n’imvano nuko I Kigali ibijanye n’imanza z’ubukwe n’ibindi bitari bike vyasubiriye kandi guhagarikwa kubera ibigirigi vy’abagwara ikiza ca Corona Virus bibandanya vyiyongera ku bwinshi. Ariko naho ubukwe bwahagaze, ukwandikwa imbere y’amategeko vyo vyarakozwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 17/12.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, uwo muhinyanyuzi yavuze ko ibijanye n’imanza z’ubukwe zirimwo guhezagirwa mw’isengero n’ibindi ngo vyungururijwe inyuma y’igenekerezi rya 4 nzero 2021 kuko ariho Leta y’Urwanda yavuze ko izosubira gusuzuma izo ngingo yafashe.

Fleury yabandanye avuga ko naho bamaze kwandikwa imbere y’amategeko, ngo ntibisigura ko bagiye kubana, ngo barindiriye ko hagira igihinduka noneho bazone gukora ivyo bindi bisabwa noneho babone kubana.

Mwomenya ko uwo mukunzi wa Fleury asanzwe ari umukinyi w’amareresi I Kigali, akaba amaze gukina mu zitari nke zirimwo City Maid isanzwe ica ku mboneshakure nkuru y’Urwanda. Iyindi ni Impanga, isanzwe ikorwa n’uwo muhinyanyuzi wacu asanzwe agiye kuba umugabo wiwe. Muriyo umugabo w’uwo mukunzi wa Fleury akaba ari Davy Carmel, yahoze akorera insamirizi Bonesha Fm.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 780