Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Iki nico catumye bose bakomeye mukarere badahurumbira kwitwa abarundi

 

Igihe kinini kiraheze uko haza Abaririmvyi  bakomeye mukarere baje gukora ibiteramo humvikana amwe mumajambo asiga Abarundi mumakenga bigatuma urukurukuru ruba ruri mubakunda gukurikirana umuziki kurugero gw’isi biyumvira ukundi.

Ntamurundi n’umee atazi uko hagiye haravugwa amwe mumazina y’abaririmvyi bakomeye hano mukarere ka East Africa bikavugwa canecane bataragira amazina nk’ayo bafise uyu musi.

Bamwe muri twebwe bari kwibaza bati : Mbega havuzwe iki kur’ayo mazina??, Mbe ayo mazina yavuzwe n’ayabande??

Twibukanye :

Mu myaka yahera vyaravuzwe cane ko Umuririmvyi Diamond afise amamuko mugihugu c’Uburundi ndetse akongera akanabisubiramwo ubwiwe aho yanabonetse mugice canyuma ca PRIMUSIC 2019 akavuga ko asanzwe afise n’incuti ziwe muri Zone ya Buyenzi,
Umuririmvyi Aheruka kwitaba Umuremyi nawe benshi bazi kw’izina rya Radio arikumwe na mugenziwe Weasle bari bagize umugwi wamenyekanye cane kw’izina rya Good Life nawe akaba ari murumuna w’umuririmvyi w’igihangange mukarere ndetse na Afrika isi yose izi nka Chameleon nabo nibamwe mu baririmvyi bavuzweko, ariko twirengagije Tanzaniya yo ivugwamwo benshi ariko ukumva neza ko n’Igihugu C’Ubuganda kitavugwamwo bake harashoboye kwumvikana irindi jambo abenshi batigeze biyumvirako cane ariko hari bamwe mubakurikiranye ihuriro ry’abanditsi n’abamenyeshamakuru aho hari haramuyse hakirwa Umugwi Wamuka mugihugu ca KENYA aho benshi baguma bibaza bati: Mbega n’ukuri??? Ariko ko atawabimuvugiye twizere ko ari ukuri.

Uti habaye iki?
Umuririmvyi Bien Aimé Asanzwe ari mu mugwi wa Sauti Sol abenshi baramuzi akunda kuba afise Igipara n’ukuvuga atigera agira umushatsi kumutwe aho Yafata ijambo imbere yabamenyeshamakuru akavuga ati:

“Ndabaramukije ncuti zanje muraho N’amahoro??? Ndabashimire kumwanya wanyu mwatanze mukuza kutwakira je na bagenzanje, ariko Imbere yuko vuga vyinshi kuvyatuzanye reka mbanze mvuge kino kintu abenshi batazi kandi batigeze bamenya
Muvyukuri jewe ndi Umurundi kandi abantu benshi ntaco bigeze bamenya ariko ndasavye muvyumve”
Izo nkuru saha gusa zarashoboye gushika no mugihugu C’urwanda cane cane Ku muririmvyi Meddy ndetse we aho no mukiganiro yatanze kumboneshakure yo mugihugu CA Tanzaniya yemeje  ko afise Uburanga bubiri ndetse abenshi bakaba banemeza ko uwo muririmvyi nyene hari n’amshure matomato yoba yarize I Bujumbura.

Ariko benshi nakibaza nti Mbega n’Igiki coba caratumye batemera ko ari Abarundi ngo baririmbe kw’izina ry’Uburundi??

Abenshi ndetse Harimwo N’umuririmvyi Ellys Boy inyishu kwari uku:

“Eehe raba ibihugu turikumwe uyu musi vyaradusize cane kw’iterambere cane cane Ry’umuziki, N’ukuvuga biragoye cane ko wumva umwana yavukiye hanze Y’igihugu akanagira ubwenegihugu hama agakurana impano canecane yokuririmba yemeza ko ari Umurundi ijana Kw’ijana Ahubwo usanga abenshi bahari kandi hano kw’isi yose ariko bigoye caneeee ko uzobamenya, rero harabaho ugutinya n’iterambere kuko usanga aha iwacu ari igihugu kititaho cane ibijanye n’Impano kuko usanga n’abamaze imyaka bakora canke bashize ahabona impano zabo bigorana kugira amakungu abamenye ariko Ugasanga iyo ariko akora yitirigwa iyo yakuriye asumvya ukumenyekana abari ngaha”

Ellys Boy ati: “Jewe sindabaneguye kandi sindabishigikiye ariko abenshi baravyipfuza ko iwabo kumavuko babamenya nkuko nanje iyo nari naravukiye I Tanzaniya hari benshi twakuranye ubu ari Abaririmvyi bakomeye ndetse N’Ubu bakiza kandi bazokwandika amazina kurusha aba Bari ngaha kandi nabo bagerageza gukora neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769