BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ikibazo giteye impari mu muziki w’Uburundi aba nibo cagirizwa

Biratangaje cane kubona ataruhande na rumwe rwemera ivyo ruvugwako mu gihe ikibazo kihari kandi kigiteye ingorane.

Imyaka ni myinshi cane gose umuziki w’Uburundi uterwa amashurwe ngo Uburundi bufise impano, ariko bikama muri bufise impano ataho nyampano zishika, biratangaje cane kwama haboneka amasanamu y’abantu batazwi kuvyapa vy’amashirahamwe akomeye asanzwe akorera mugihugu c’Uburundi.

Bamwe mubasanzwe bakurikiranira hagufi Entertainment ya hano ndetse na bamwe mu banditsi n’abamenyesha makuru bakorera hano ku butaka bw’Uburundi baremeza ko igituma Uburundi budater’imbere mu myidagaduro muri rusangi biva kumpande zose zitatu nazo akaba ari:

-Abaririmvyi
-Abamenyeshamakuru
-Abafana

Ku ruhande rw’abaririmvyi ngo bo ntibamenya uko bakoresha imbuga ngurukana bumenyi nako uretse no kuzikoresha ntibaramenya n’akamaro zoba zimarira umuririmvyi, ndetse ngo abaririmvyi bo ubwabo nibo bononye ivyabo mu kutamenya kwidandaza ndetse no kutaba akarorero keza, mububare mubiyayura mutwe nivyo abavyeyi canke abo bagwizatunga niho bo babaharura bigatuma batabizera muvyo bakora bikanatuma n’ivyo biraka (Deal) bituma bagaruza ayo baba basohoye mugukora ibikorwa.

Kuruhande rw’abamenyeshamakuru ho ngo n’urundi rugero kuko iyo bavuga gushigikira ivyacu babivuga kumunwa canke kumasamirizi mukwereka ababumva ko bo bimeze neza, ariko mukuri imvugo ntinabe ingiro.
Iyo umuririmvyi agira imico myiza ayikura kuri Media zitegerezwa kwereka umuririmvyi uko yifata ariko vyose bigahera kuri wa mumenyeshamakuru ategerezwa kumwereka izo nzira amubwira bagatanga uburorero bagira bati:

Uzosanga umumenyeshamakuru wo ngaha yitwa ko akoresha izo Instagram atabaririmvyi b’abarundi akurikirana namba kuko niyo ashizeko follow kuba ari ukugira ntibamucishemwo ijisho, nta like, Comment kugira aterere iciyumviro uwo munyempano ariko ngo uzobasanga kuri Instagram z’abigeme beza batazi n’iyo baturuka bakubiseko izo likes na Comment canke abaririmvyi bo hanze.

Bikongerako ngo n’iyo ibiganiro biyaga umuziki w’iwacu biheze baca bikubitiramwo indirimbo mva mahanga ukamenga amasamirizi bakorera arashishwa n’uko haba haheze isaha canke amasaha abiri hariko havuzwa indirimbo ndundi gusa.

Uruhande rw’abafana vyo ngo biracagoranye kuko ica mbere ngo n’uko bajana nyabahururu, kabiri ngo nuko nabo ugushigikira bikiri ku munwa ariko mu mutwe no mu mutima atabibayo, n’ikimenyamenya iyaba bakunda ivyabo uyu musi kuri list y’abaririmvyi bafata ibibanza vya mbere ku rubuga rwa YouTube hano mu Burundi hatobonetse abaririmvyi ba Tanzania n’u Rwanda, n’ukuvuga abakurikirana YouTube bahagaze mu Burundi abenshi bakurikirana ibikorwa vyo hanze y’igihugu.

Izo mpande zose ubona ko zigenda zivugwa cane ahanini usanga zidomwako urutoke n’abo bafana nyene ugasanga hatanguye uguterana amajambo muma group agiye atandukanye ya Whatsapp usanga ahurikiyemwo abafana, abamenyeshamakuru ndetse n’abaririmvyi nyene ubwabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775