Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Indirimbo ya mbere izoba yitwa “ikosa” aho izokwumvikanamwo Mb Data na Kingorongoro

Inyuma yokuboneka mwihiganwa BMA (Buja Music Awards) ariko akaba ataronse amahirwe yo gutsinda yaragerageje gukora cane aho ubona ko ari umwe mubaririmvyi bagerageje guhindura uko basanzwe bakora ari Dj Pro ubwiwe avuga ko agomba gukora araboneka mucobita Flows nshasha hamwe no kuboneka muma Collabo menshi ashoboka.

Tumusanze kuri Studio kwa Amir Pro  ni Dj Pro yagize ati :

«Ndiko ndategura Ep yanje igizwe n’indirimbo zine aho imwe mur’izo nzokorana n’umuririmvyi wo mugihugu ca Afurika y’epfo (South Africa), iyindi nkorane n’uwundi wo mugihugu ca Tanzaniya maze izindi nkorane n’abaririmvyi babiri ba hano iwacu aho umwe azoba akora RAP uwundi akaba ari Umuririmvyi kandi bose bazi mubikorwa vyabo hakaba n’iyindi ya Afro nzokorana n’uwundi muririmvyi ntarashima kuvuga n’ukuvuga abantu bitegurire ibikorwa bimeze neza kandi bitege kuvyakira ».

Umuririmvyi Dj Pro akaba yabandanije avuga ko uku kwezi kwa kabiri Atagihindutse indirimbo yambere ishobora gusohoka kandi ifise Video aho yemeza ko ari indirimbo izoba ari indirimbo imeze neza kandi akemeza ko azoba arikumwe na Mb Data ndetse n’umuririmvyi Magic Soldier KINGORONGORO bompi basanzwe bari muri Label imwe ariyo M.A Production isanzwe irongowe na Mugisha Amir abenshi bazi kw’izina rya Amir Pro

Tuhakoreraho tubamenyesha Dj Pro yavuze uko mugihe twamusanze muri Studio arikumwe N’umuririmvyi Mista Champagne ariko batabashije kuduhishuka ngo batubwire ibikorwa boba bariko barahakorera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769