EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Aimé Loveness : “Umugwi Mirrow Team bishitse ugasubira kwiyunga sinowusubiramwo ndavye aho ngeze”

Nka hamwe vyoshika umugwi Mirrow Team ugasubira kwiyunga, Aime Loveness ngo ntiyoba agikorana nawo nk’umugwi aravye ahageze gushika ubu yikorana yamara ngo collabo yo yoyemera.

Nk’uko yaraye abishikirije mu kiganiro Indundi Hits Show co kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo 25 Ntwarante 2019, ikiganiro cama gica ku nsamirizi y’imicokama imisi yose ya mbere n’iya gatanu, umuririmvyi Aimé Loveness yahoze mu mugwi Mirrow Team abajijwe iibijanye n’uwo mugwi yamenyesheje ko uwo mugwi haciye igihe warasambutse gushika ubu umwe wese ngo yafashe inzira yiwe mugukora yikorera.


Loveness yemeza ko mu vyatumye uwo mugwi usambuka ko aruko bamwe mu bari bawugize basohotse igihugu mu gihe bari barasezeranye ko hagize uwobavamwo ko itoba ikiri Mirrow Team.

Nayo ku bwiwe ngo nka hamwe bosubira kwiyegeranya maze bakamusaba gusubirana nk’umurwi nk’uko bahora ntarya umunwa mu kumenyesha ko aho ageze ubu ari wenyene atoba agisubira mu murwi (Mirrow Team), ahubwo barinze bagira ico bakoranye ngo bogikora nka Collabo apana mk’umugwi.

Aho mwomenya ko Aimé Loveness kuva aho Mirrow Team itandukaniye amaze gukora indimbo zigera kuri zitatu ari wenyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769