Diasporahomepagekirundiprimusic-burundiPrimusic2019societe

Baheruka gutanguza umugambi wo kumenyekanisha imiryango iri mu Burundi

Abarundi babiri umwe aba mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, uwundi muri Norvège bagiye hamwe batanguza umugambi bise “TIMA” ufise intumbero y’ukumenyekanisha imiryango ihari mu Burundi hamwe n’uguhimiriza abantu kurondera kumenya imiryango bakomokako.

“TIMA” ni ijambo ry’impfunyapfunyo risigura mu majambo yose “Turi Imiryango MpuzAbarundi”, akaba ari umugambi watangujwe na Sindahera Paul-Henri umurundi aba muri Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe na Nsengiyumva Minani Félicien bakunze gutazira Femi De J’Abat aba muri Norvège.

Umwe mu batanguje uwo mugambi, Sindahera Paul-Henri amenyesha ko intumbero yawo ari ukumenyekanisha imiryango ihari mu Burundi, guhimiriza abantu kurondera kumenya imiryango bakomokako, kwunga ubumwe no kutsimbataza ubumwe hagati y’abarundi, hamwe n’uguha agaciro ururimi rw’ikirundi.

Sindahera abandanya ashikiriza ko ubumwe buhera mu muryango maze bugaca bugashwara mu gihugu cose. Iyo abarundi bamenye imiryango yabo, baca batahura ko bose ari benemugabo umwe yitwa “Murundi”. Kahise katwigisha ko imbere y’umuzo w’amoko waje mu gihe c’igikoroni, abarundi bahurira mu miryango, kandi ko ariho ubumwe nyabumwe bwabarizwa. Ikindi co kumenya n’uko hari imiryango myinshi isangiwe n’abahutu, abatutsi n’abatwa. Ivyo bikerekana neza ko ubwoko ata gaciro bufise iyo abantu bahuriye mu muryango.

Abo batanguje umugambi “TIMA” bashikiriza ko kugira bashike ku ntumbero bihaye, bategekanije kwandika igitabo c’imiryango y’u Burundi, igitabo kidondagura imiryango igize igihugu. Nk’uko bavyemeza, naho bompi baba mu mahanga, uwo mugambi bazowukorera cane cane mu Burundi, kuko ku bwabo ariho imiryango myinshi ibarizwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 762