EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

DJ Chento kuva muri Angleterre aje kuvuza mu butambiro i Bujumbura

DJ Chento ntakibarizwa ku mugabane w’ubwongereza abarizwa i Bujumbura mu gihungu ciwe c’amavuko

DJ Chento

Ku batazi DJ Chento ni umurundi asazwe akora akazi kiwe kubu Dj muri Angleterre aho asazwe anaba ubu, amazina yiwe y’ukuri akaba ari Innoncent NDIKUMNANA ubu akaba araha mugisagara  ca Bujumbura aho yaje azanwe no kuvuza mu biteramo bitandukanye bizoba biriko birabera mubunyero  n’ubutambiro butandukanye bwaha iwacu aho aje  atumweko na “NOW CREATIVITE” akazozunguruka mu bunywero n’ubutambiro butandukanye busazwe buri aha mu gisagara.

Kwigenekerezo rya 15 Ntwarante azoba ari kuvuza kuri PACHA CLUB, igenekerezo rya 16 Ntwarante muri LE CRISTAL nayo kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante azoba ari muri LA VIDA, igenekerezo rya 24 Ntwarante azoba ari muri NEW PINACLE.

Mwomenya ko aje kumara ikiringo c’indwi zibiri  gusa ahejeje icamuzanye azoca asubira inyuma mu gihe yaheruka mu gihugu c’amavuko mu mwaka wa 2014

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769