Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Igaruka rya 19th ririmwo amajambo menshi kandi ayobeye

Inyuma y’igihe asohotse ajanwe n’ivyigwa ariko kandi bikamuviramwo ukutumvikana cane mu muziki ni 19th yerekanye iyindi shusho muri Hip Hop (Rap) aho yashira ahabona indirimbo yise HIP HOP

Mu majambo akomeye cane yaririmvye hari bumwe mu butumwa yatanze aho yagize ati

“Ibwami ntihaba babiri (Abami)”

Aho bamwe mu bakunzi b’umuziki ndundi batanguye gukeka ko yashatse gutunga urutoke kuri B-Face On The Flow we asanzwe yiyita umwami wa Rap mu Rwanda no mu Burundi ndetse bamwe mu bakunzi biwe bakavyemeza ko ari umwami w’uwo mudiho wa RAP

Aho twaha ijambo abakurikirana umuziki w’Uburundi biciye mu kiganiro Indundi Hits Show bagize bati:

“Umuraperi 19th arakaze ahubwo igaruka ryiwe abamenyeshamakuru ni barirabe ntibaryirengagize kuko ukubaho kwiwe mu muziki wa hano iwacu vyari bifise ico bimaze”. Aho bamwe bemeje ko atigeze ahagarika gukora ahubwo ngo ko yimwe Promotion n’abamenyeshamakuru bo bari bajejwe kumuteza imbere.

Hakaca haba ukwibaza duti mbega koko 19th yoba yarirengagijwe? Canke bwabaye ubunebwe bwiwe?
Ariko tworangiza kandi tubibutsa ko 19th yashize ahabona iyo ndirimbo HIP HOP inyuma yo gusohora iyo yise 2020 yo yayishize ahabona itariki icumi z’ukwezi kwa Nzero 2020 mugihe HIP HOP yo yayisohoye igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2020

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769