homepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Indirimbo Ado Josan yakoreye hano ngo ziryoshe gusumba iyo yakoreye mu Rwanda

Ado Josan ngo agiye gukorana akaririmbo n’umuririmmvyi wo muri Tanzania. Ivyo akaba aheruka kuvyishura umwe mu bakunzi biwe yariko abimubariza ku rubuga rwa Facebook.

Mu gihe yari yashize ku rubuga rwa Facebook ishusho yiwe asaba abakunzi biwe kugira ico bamubaza canke bamubwiye, abo bamubajije ibibazo bitari bike, birimwo uburyo akora umuziki wiwe, mbere banamubaza n’ivy’ugukorana indirimbo n’abandi baririmvyi.

Ado yavuze ko asanzwe afise umugambi wo gukora n’abaririmvyi batandukanye bo muri kano karere, ngo bikunde uwo muziki wiwe ubashe gushika kure.

Muri ico kiyago yavuze ko mu misi ya vuba indirimbo yindi azotanga ari iyo azoba yakoranye na mugenziwe w’umu Tanzania. Naho atavuze ryari co kimwe n’uwo muntu uwariwe.

Muri ico kiyago yagiranye n’abakunzi b’ibikorwa vyiwe, Ado yanabajijwe umuririmvyi abona ko bakoranye hano iwacu yoryoherwa gusumba. Yavuze ko abatari bake bariko barakora neza, kandi bakoranye yobishima, ariko ngo aramutse akoranye na Vichou vyomuryohera gusumba.

Ado asanzwe abarizwa ku mugabane wa buraya, yabwiwe ko indirimbo akorana na Yves Kolly ziba ziryoshe kandi zikundwa cane , ariko ngo iyo yakoranye n’abanyarwanda itakunzwe gusumba. Yishuye umunya Gatumba yariko aramubaza ko yaba Yves Kolly, yaba uwo bakoranye w’umunyarwanda bose bakora neza, naho bakora ibitandukanye.

Mu bindi bibazo vyinshi yabajijwe, habonetsemwo ic’icipfuzo ciwe mu muziki. Yishuye ko ashaka gukora umuziki mwiza, ushikira benshi gusumba kandi ukabafasha guhindura ubuzima bwabo.

Mwokwibuka ko Ado Josan yaheruka gukorana akaririmbo n’abaririmvyi b’abanyarwanda Urban Boys, ako bakaba bakise You. Ako karirimbo kakaba kashizwe ku rubuga rwa Youtube rw’uwo murwi w’abanyarwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757