BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Ishirahamwe ry’abaririmvyi AMB riramutswa Botchum

Botchum agiye gufatanya n’abandi mu guhinyanyura amatego y’ishirahamwe ry’abaririmvyi AMB kuko atakijanye n’igihe.

Ukwegeranya abaririmvyi kuko basanzaye, abandi nabo barangwa n’ukutumvikana, co kimwe n’uguhindura amatego y’ishirahamwe ry’abaririmvyi kuko atakijanye n’igihe, ni bimwe mu bigiye kuranga intwaro ya Freddy Kwizera benshi bazi nka Botchum, yagenwe ngo arongore vy’imfata kibanza ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi.

Ivyo bikaba bishitse inyuma yaho iryo shirahamwe riburiye umukuru waryo yaramaze imyaka irenga 10 arirongoye, umuhisi Bruno Simbavimbere.

Kuri Micro ya Akeza Web Tv, uwo mutware mushasha avuga ko umurwi nshingwabikorwa -Comite Exécutif- wabonye ko ayo mategeko atakijanye n’igihe, noneho biyemeza kuyahinyanyura, n’ugushiraho uwubaserukira, ari nawe azobafasha kubishitsa, hamwe n’uguhamagara inama rukokoma izohuriramwo abarihurikiyemwo bose mu Burundi.

Mwomenya ko Freddy Kwizera azwi cane kuba ari umuhinyanyuzi akomeye, akaba amaze gukora indirimbo zitari nke zirimwo iz’abaririmvyi ba hano iwacu co kimwe n’iz’abanyamahanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775