EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Ko yoba atakibarizwayo ngo sivyo na gato

Ngo ivyavuzwe ko batakibarizwa muri Bantu Bwoy ngo Sivyo ahubwo kwabaye ukwifatanya n’umusi.

Aho ni mugihe vyanditswe aha na hariya ko basezerewe batakibarizwa muri Label ya Bantu Bwoy bikanamenyeshwa na CEO wa Bantu Bwoy ariwe Mugani Desire (Fizzo)

Ni munyuma aho Mugisha Jean Junior azwi nka Double Jay co kimwe na Kirikou AKili berekanye umubabaro w’iryo sezererwa ryabo muri Bantu Bwoy, aho habaye uruhagarara ku mbuga ngurukanabumenyi za bamwe mu bakunzi babo co kimwe n’abakunzi b’umuziki w’Uburundi

Nk’uko bisanzwe ataguteba Indundi Magazine yaciye ibikora mu maguru masha yegera umwe mubavurwa ko basezerewe ariwe Double Jay nawe yagize nti:

“Oya sivyo namba ivyanditswe kumpande zose ntakuri na guke kurimwo ahubwo nuko twashatse kujana n’umusi w’itariki ya mbere Ndamukiza y’uyu mwaka(1/04/2019) nk’uko aba ari umusi witiriwe kubesha”.

Aho mwomenya ko hari video nshasha ku rubuga rwa Youtube ya Double Jay ibandanya gukora neza cane muri uno muziki w’urunganwe rushasha ariyo “Numva Nshaka” (Video). Akaba asaba ko mwobandanya muja kuyiraba munasiga intererano zanyu cokimwe no kuyisangiza abandi (Share).

Mbega wewe nk’umukunzi w’umuziki w’Uburundi ukibona iyo nkuru wari wayakiriye gute?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769