EntertainmentAkes DonhomepagekirundimusicPassport

Magic Kingorongoro ntakiri muri Trust No Body bari binjiriyemwo rimwe na Sat B

Magic kingorongoro yahora mu buyobozi bwa Trust No Body irongowe na Wanda Boy Z hero ubu ntakiri musi y’ubwo buyobozi.

Umuririmvyi Magic Kingorongoro ubu ntakibarizwa mubuyubozi bwa Trust No Body nk’uko abishikiriza ubu ngo yikorana kugiti ciwe ntaburongozi na bumwe akirimwo. Indundi magazine yashatse kumenya icatumye atakiri musi y’ubwo buyobozi bwa TNB ariko ntiyashimye kugira ico abivugako vyinshi avuga ngo n’ubuyubozi yahoramwo ntiburagira ico bubivugako ariko ngo ico twomenya nuko atakiri muri TNB nkuko twari tubizi,ariko ko twokwitega ibikorwa vyiwe bigiye kuza mu misi yavuba kandi ngo nivyaba ngobwa ngo azogira icabivugako hanyuma ivyiwe n’ubuyobozi yahoramwo.

Magic Kingorongoro atandukanye n’ubuyobozi bwa TNB bamaze gukorana ibikorwa bitaribike nk’igiteramo bitiriye WOZA KIN HOME CONCERT hamwe n’indirimbo zine,indirimbo zitatu zikaba zasohokanye n’amasanamu.

Mwomenya ko igihe umuririmvyi Kingorongoro yinjira muri Trust No Body binjiriye rimwe na mugenziwe Sat-B asazwe arongoye Empire Avenue  aho nawe yagiye ashikiriza ko igihe yinjira yinjiye nk’uwugiye gukorana na Trust No Body nka Empire Avenue atagiye musi y’ubwo buyobozi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 754