EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Mu mubonano yahawe na Perezida Petero Nkurunziza, umuririmvyikazi Natacha yaboneyeho kumwereka agashimwe aheruka kuronka mu Buganda

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 25 Ntwarante 2019 niho umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka yaronka amahirwe y’ukubonana na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Mu mubonano yahawe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza, umuririmvyikazi Natacha yaciye aronkeraho akaryo ko kumwereka agashimwe aheruka gutahukana akavanye mugihugu c’Ubuganda aho yashoboye gutsinda ibihangange bitari bike vyari mu murwi yararimwo witiriwe Africa Fans Favorite Fresh Talent.

Natasha akaba aronse ayo mahirwe mugihe abenshi mu baririmvyi bari bamukeje agitahana ako gashimwe munyuma bamwe bamwe muribo bagaruka bagenda bamuvuga ko yoba yaraguze ako gashimwe ibitabonwa kumwe na bose bikavurwa ko ryoba ryari ishari bamugiriye.


What's your reaction?

Related Posts

1 of 769