EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Nziza Désiré : England niho hariko harakorerwa amasanamu ya “Murasa”

Mu mpera z’ino ndwi twaraye turangije niho umuririmvyi Nziza Désiré azwi kw’izina rya Dissarlui yashika i London avuye i Texas gukora amasanamu y’indirimbo “Murasa”, indirimbo yahinyanyuriwe mu Bubirigi no muri Kilulu9, muri kino gihe iriko ikorerwa amasanamu mu gihugu c’Ubwongereza n’umuhinga Sly Buta muri Kilulu9 England.

Nziza Désiré ubwiwe akamenyesha ko kw’igenekerezo rya 30 Ntwarante ivyo gufata amashusho bizoba vyaheze, nayo igenekerezo rya 10 Ndamukiza izobe ihawe abakunzi biwe kumwe n’abakunzi b’umuziki ndundi.

Nziza akamenyesha kandi ko abakunzi biwe bokwitega iyindi ndirimbo nshasha co kimwe n’amasanamu yayo vuba cane, kandi bakanamwitega mu biteramo bitandukanye haba America, i Burayi co kimwe no muri East Africa ahereye mu gihugu c’amavukiro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769