africa newsAmatora 2020CongoHealthhomepageIndundi Hits ShowskirundiMireille KAMINatacha BSanté

RDC : Mu mezi 9 gusa ikiza ca Ebola kimaze guhitana abantu bagera ku 900

Kuva mu kwezi kwa Myandangaro umwaka w’2018, abantu baharurwa mu majana icenda nibo ngo bamaze guhitanwa n’ikiza ca Ebola mu buseruko bwa Repubirika iharanira Demokarasi ya kongo nk’uko bishikirizwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu cegeranyo bwashize ahabona kuri uyu wa gatanu uheze igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2019.

Guhera hamenyekanye ico kiza muri ico gihugu, abantu bangana n’1396 nibo bamaze kuvugwa ko banduye ico kiza, muri bo 1330 baramaze gupimwa barabona ko bacanduye nayo 66 bakaba bataremezwa neza ko banduye ico kiza.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bubandanya bushikiriza ko abantu bagera ku 394 ngo barashoboye gukira ico kiza ca Ebola.

Mwomenya ko ico kiza camenyekanye muri ico gihugu kuwa mbere Myandagaro umwaka w’2018 mu ntara ya Kivu yo mu buraruko hamwe no mu gace gato ka Ituri, mu nyuma cigaragaraza mu gisagara ca Beni ubu naho kikaba kiriko kiragisivya mu karere ka Butembo-Katwa kari ku birometero 50 uva mu bumanuko bw’igisagara ca Beni.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756