BurundiComedieshomepageintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Aba nibo bakinyi 11 b’intamba bashobora kuzotangura mu kibuga mu rukino ruzobahuza na Gabon

Abariko bakurikirana imyimenyerezo y’intamba mu rugamba bamaze muri iyi misi ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bamaze kuba bashira ahabona abakinyi 11 babona ko umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko ashobora gutanguza mu kibuga mu rukino rwo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ntwarante rugiye kubahuza na Gabon.

Abo nabo akaba ari aba bakurikira bivanye n’uko umumenyereza mukuru abapanga mu myimenyerezo:

1)Nahimana Jonathan
2) Rashid Leon
3) Nduwarugira Christophe
4)Nsabiyumva Fréderic
5) Moussa Omar
6) Kwizera Pierrot
7) Fiston Abdoulrazzaq
8) Gael Bigirimana
9) Saido Berahino
10) Shassir Nahimana
11) Cédric Amissi

Abo nibo bakinyi abantu bibaza y’uko bashobora gutangura mu kibuga bivanye n’uko umumenyereza w’intamba ahora abapanga mu kibuga .

Yamara n’aho biri uko, umumenyereza Alain Olivier Niyungeko niwe wenyene azi abakinyi azokinisha ku musi w’ejo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891