abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Abakinyi b’Intamba b’ibicocoro badafise indero bagiye kureka kubatumako

Umukinyi wese w’ntamba mu rugamba azorenga amategeko y’umurwi nserukira gihugu  azohanwa hisunzwe amategeko .

Ivyo bikaba vyaraye bivuzwe n’uwurongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Rusama 2023 kuri Tropitel Hotel I Gitega mu nama yabose yaraye itunganijwe n’iryo shirahamwe asanzwe arongoye .

 

Muyenge Alexandre akaba yavuze ko Uburundi butsinze Namibia mu rukino rwo  kurondera itike rya CAN 2024 bushobora kwiyongera amahiwe yo kwitabira izo nkino naho bazoba bagisigaje urukino rumwe na Cameroun kandi bayisanze iwabo vyose birashoboka .

 

Akaba yagize ati’’ Tugatsindwa na Namibie mu rukino rwo kurondera itike ryo kwitabira CAN 2024 Côté d’Ivoire vyose bizoba bipfuye , mugabo tuyitsinze amahirwe azoba akiriho kuko mu kwezi kw’icenda tuzohura na Cameroun naho tuzoyisanga iwabo ntakidashoboka ibintu vy’umupira n’ukwitegura gusa, naho ibindi umupira n’umwe kuko na Namibie yabikoze ntawari azi ko Namibie yogenda ikanganya na Cameroun iwabo isubira kandi kwakirira Cameroun muri Africa y’epfo ikayitsinda ibitsindo 2-1 , vyose ni umupira birashoboka bisaba ko umwe umwe yitanga.

‘’ Mugabo uko kwitanga bisigura ko n’indero tutayisiga inyuma , kuko abakinyi bamwe bamwe harabo usanga baramaze kuba ibicocoro indero si ikirenga wamubwira ati ubona twokora ibi ngo apana jewe sindimwo .

 

‘’ Abantu nkabo rero twopfuma turekana nabo tugakorana n’ababishoboye bagira bati: “Twebwe turazi igihugu icarico badutumyeko ni kuneza y’igihugu ni kuneza yacu . “Harya birababaje nk’umuvyeyi ugatumako umwana ukamubwira mwana turafise urubanza kanaka ati jewe sinzoza , nawe uri umuvyeyi uravuga ati wa mwana yarenze ihangiro ‘’

 

 

‘’ Iciza n’uko imirwi nserukira gihugu y’intamba yose mu rugamba yaronse amategeko igenderako , twebe uwuzokwemera kugendera kuri ayo mategeko tuzobandanya nawe uwudashaka kuyakurikiza tuzomusezerera .

‘’  Yasubiye kandi aravuga y’uko hari abakinyi bamwe bamwe yumvise bidogera ayo mategeko y’umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba , ariko akaba yaciye yibutsa ko ata murwi ubura amategeko no mu mirwi isanzwe habaho amategeko.

 

. Mwomenyako ayo mategeko yashizweho bivanye n’uko hari abakinyi bamwe bamwe b’umurwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba bama banka kwitabira ubutumire baba bahawe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 851