abakinyi bakina hanzeBasketballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Abarundi baba muri Canada bashikirije ibikoresho FEBABU

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 21 Myandagaro 2022, abarundi basanzwe baba mu gihugu ca Canada bahurikiye muri Intore Canada Basketball Academy ‘’ ICBA’’ baraye bashiriije ibikoresho ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi FEBABU.

Ivyo bikoresho bikaba vyari bigizwe n’imipira, ibikoresho vy’abamenyereza hamwe n’ibindi bikoresho vyo gukora imyimenyerezo.

Ivyo bikoresho abo barundi baba muri Canada bakaba babishikirije ku cicaro ca FEBABU hari icegera c’uwurirongoye Pierre Claver Hacimana, icegera c’umunyamabanga mukuru Martin Floris Nahimana , umuyobozi w’ubuhinga Aaron Kagabo , uwujejwe Basketball mu bakiri bato Alexis Hakizimana , uwujejwe kumenyekanisha amakuru Armand Nisabwe , umuvugizi w’uwurongoye FEBABU Lionel Banyiyezako hamwe n’uwujejwe Marketing .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 301