abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Abashikiranganji bagize Reta y’Uburundi hamwe n’Umukuru w’igihugu baraterereye imiriyoni 100 kuri Stade Intwari

Abashikiranganji bagize Reta y’Uburundi hamwe n’Umukuru w’igihigu Evariste Ndayishimiye nabo nyene baterereye amafaranga angana n’imiriyoni 100 z’amarundi kugira ikibuga Intwari kibandanye cubakwa .

 

Ivyo bikaba bihejeje kuvurwa n’Umukuru w’igihugu inyuma y’uko yarahejeje gukora ibikorwa rusangi kuri ico kibuga mu ntumbero yo guhimiriza amashiramwe n’abarwizatunga guterera kugira ico kibuga kibandanye cubakwa.

 

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yavuze y’uko abo bashikiranganji bemeye ko babakata mu mishahara yabo mu ntumbero y’uko nabo nyene bipfuza ico kibuga citiriwe intwari .

Mwomenya ko ivyo bikorwa vyari vyitabiriwe n’abubahwa batandukanye aho twovuga nkabashikiranganji bagize Reta harimwo umushikiranganji wa mbere Gervias Ndirakobuca hamwe n’icegera C’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza n’abandi batandukanye harimwo uwurongoye igisagara ca Bujumbura Général de Bgde de Police Jimmy Hatungimana .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321