homepagekirundikirundi_Sports

Alain Olivier Niyungeko afise icizere co kuzokina urukino rwiza

Umenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko ngo icizere nicose co kuzokina urukino rwiza aho bukera.

Hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Mukakaro umwaka wa 2019 igihe c’isaha zine zo mugatondo aho umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yari yaramutse atanga ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru imbere y’uko urukino rwo kurondera itike yo gukina CHAN ku bakinyi bakina hano iwacu ruzobahuza na Sud Sudan ruba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Mukakaro umwaka wa 2019 ku kibuga c’intwari kiri mu gisagara ca Bujumbura .

Alain Olivier Niyungeko akaba yavuze y’uko abakinyi nka bose bameze neza kiretse umukinyi umwe gusa nawe afise akabazo gato ariko muri rusangi bose bameze neza mbere n’ibipimo vyo kwa muganga ngo vyerekanye y’uko ata n’umwe yoba agwaye ingwara iyi canke iriya.

Alain Olivier akaba yavuze y’uko abakinyi biwe yabateguye neza haciye indwi 3 batanguye imyimenyerezo ngo ukuntu imisi igenda niko baguma batahura ivyo ababwira rero kuriwe ngo urwo rukino barawiteguriye bimwe bikomeye

Akaba yavuze kandi y’uko kuri uyu wa kane igenekerezo rya 25 Mukakaro umwaka wa 2019, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB akongera agatwara n’inama nkenguzamateka Honorable Reveriyano Ndikuriyo yashoboye kugendera abakinyi arabatera intege mu kubabwira y’uko bashoboye bagerageze batsinde urwo rukino ngo ntihagire uwusubira kubona y’uko umupira wa hano iwacu uri hasi.

Mukamenya y’uko intamba mu rugamba zitwaye neza muri izo nkino zibiri zizohura na Sudan y’epfo zizoheza zice zihura n’umugwi nserukiragihugu wa Kenya Uganda Cranes .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871